Abalewi 24:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)8 Ukw isabato itashe, Aroni az’ ayitereke imbere yanje na ntaryo kubg’ Abisirayeli, bibe isezerano ritazoshira. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Bama bosereza Uhoraho ibimazi uko bukeye uko bgije, bakamwosereza n’imibavu itāmirana, bagatondesha n’imitsima y’ ibiterekērwa ku meza yacuzwe mw izahabu iramuye, kand’ uko bgije bakadomeka n’amatara ari ku gitereko cayo c’izahabu; kuko tweho twitondera ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yacu, ariko mweho mwaramuvuyeko.
Uti Non’ agira ngo yubake ingoro y’izina ry’Uhoraho Imana yiwe, ut’ Az’ aheze ayimushikirize, uti Kugira ngo haboneke aho kumwosereza imibavu y’ibintu bimoga, n’aho gutereka imitsima y’ibiterekērwa, n’aho kwosereza ibimazi vyo mu gitondo no ku mugoroba, n’ivyo ku masabato, n’ivyo mu mboneko z’ukwezi n’ivyo ku misi mikuru yashinzwe y’Uhoraho Imana yabo; uti Kukw ivyo ar’ icagezwe c’intahava ku Bisirayeli.
kugira ngo haze hame haboneka imitsima y’ibiterekerwa, bo n’amashikanwa y’amafu y’intasība, n’ibimazi vyoswa vy’intasība nyene, n’ivy’ amasabato, n’ivy’ imisi mikuru yashinzwe, haboneke n’ibintu vyera, n’ibimazi vyo gutangirwa ivyaha kw impongano y’Abisirayeli, bo n’ivy’ ibikorwa vyose vyo mu ngoro y’Imana yacu.