Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 24:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ku kirundo kimwe ugerekekw imibavu itunganye, ku kindi kuno, ibe icibutso kur’ iyo mitsima, ishikanwa nshikaniwe ryo gutōngōrwa n’umuriro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 24:7
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ uwo munywamazi ubaye ku gicu, nanje nzowitegereza nibuke iryo sezerano ry’intahava riri hagati yanje n’ibiri n’ubugingo bifise umubiri vyose biri kw isi.


Kand’ uwo musi uz’ ubabere umusi w’icibutso, muze muwugire umusi mukuru wanje Uhoraho: ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, muze mwame muwugira mukuru, kibe icagezwe c’intahava.


Ivyo bize bibabere nk’ikimenyetso gishizwe ku maboko yanyu, n’icibutso gishizwe hagati y’amaso yanyu, kugira ngw ivyagezwe vy’Uhoraho vyame mu kanwa kanyu: kuk’ Uhoraho yabakūje muri Egiputa ubushobozi bgiwe.


Uhoraho abarira Mose, ati Ni wandike ivyo mu gitabo, bibe icibutso; ubibarire Yosuwa, ubimwumvishe, yuko nzozimanganya ukumenyekana kw’Abamaleki, bībagirane mu bo musi y’ijuru bose.


Utēre utwo tubuyenge twompi ahahera ku bitugu ku bizāna vya efodi, tubere Abisirayeli utubuyenge two kwibukwako: Aroni aze yambare amazina y’abana ba Isirayeli ku bitugu vyiwe vyompi, ayazane imbere yanje, jewe Uhoraho, kuba icibutso.


Ntiwanzaniye imyagazi y’ibimazi vyawe vyo kwosa, kandi ntiwanyubahishije ibimazi vyawe. Sinakugoje kunshikanira amashikanwa, sinakuruhishije imibavu.


Ni hagira umuntu azonshikanira ishikanwa ry’ifu, az’ ashikane īgogōretse; ayisukekw amavuta ya elayo, ayishireko n’ imibavu.


Aheze ayizanire bene Aroni abaherezi; akamate urushi rumwe kur’ iyo fu n’ayo mavuta, akūraneko n’iyo mibavu yose; umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe icibutso c’iryo shikanwa, bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Umuherezi aheze akamate kur’ iryo shikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu, ikizoba icibutso caryo, acosereze ku gicaniro, kibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Yesu arababgira, ati Ni jewe mutsima w’ubugingo: ūza kuri jewe ntazosonza na mba, kand’ ūnyizera nta ho azogira inyota na mba.


Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.


arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana.


Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana.


kugira ng’ubgiza bg’ubuntu bgayo bushimwe, ubgo yatugabiriye mu wo ikunda.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ