Abalewi 24:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)5 Kandi wābīre ifu igogōretse, uyicumbemw’ imitsima cumi n’ ibiri: mu bigiracumi bibiri vy’ ingero yitwa efa havemw’ umutsima umwe‐umwe. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Bama bosereza Uhoraho ibimazi uko bukeye uko bgije, bakamwosereza n’imibavu itāmirana, bagatondesha n’imitsima y’ ibiterekērwa ku meza yacuzwe mw izahabu iramuye, kand’ uko bgije bakadomeka n’amatara ari ku gitereko cayo c’izahabu; kuko tweho twitondera ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yacu, ariko mweho mwaramuvuyeko.
kugira ngo haze hame haboneka imitsima y’ibiterekerwa, bo n’amashikanwa y’amafu y’intasība, n’ibimazi vyoswa vy’intasība nyene, n’ivy’ amasabato, n’ivy’ imisi mikuru yashinzwe, haboneke n’ibintu vyera, n’ibimazi vyo gutangirwa ivyaha kw impongano y’Abisirayeli, bo n’ivy’ ibikorwa vyose vyo mu ngoro y’Imana yacu.