Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 24:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Aze yame atunganiriza ayo matara kur’ ico gitereko c’izahabu iramuye, kugira ngo yame yakira imbere yanje ubudasiba.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 24:4
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

n’ibiterekwakw amatara, bitanu mu ruhande rw’i buryo, bindi bitanu mu ruhande rw’i bumoso, aharābana n’Ahēra Cane, vyose vyar’ izahabu iramuye; n’ibisa n’amashurwe, n’ayo matara nyene, n’imakasi zayo zo gutunganya urutambi, na vyo vyar’ ivy’ izahabu;


kand’ amugereraniriza amazahabu yo kuzocurishamw’ ibiterekwakw amatara, bo n’amatara yavyo; igitereko cose n’amatara yaco, amugereraniriza urugero rw’ amazahabu azokoresha; no ku vy’ibitereko vy’ifeza, amugereraniriza amafeza yo kuzocurishamw’ igitereko cose n’amatara yaco, nk’ukw igikorwa c’igitereko cose kiri.


Ikindi, bugaye inzugi zo ku rubaraza, amatara barayazimya, kandi ntibosereza imibavu Imana y’Abisirayeli, canke ngo bosereze ibimazi Ahantu hēra;


na ya meza n’ibintu vyayo, na ca giterekwakw amatara c’izahabu iramuye, n’ibintu vyaco vyose, na ca gicaniro co kwoserezakw imibavu;


n’igiterekwakw amatara c’izahabu iramuye, n’ amatara yaco nyene, ari yo matara yo gushirwa kuri co, n’ibintu vyaco vyose, n’amavuta y’ayo matara;


kandi n’ibikombe, n’ivyotero, n’inzavya, n’imibindi, n’ibiterekwakw amatara, n’udukombe, n’ ubgavya, uwo mukuru w’abashibamyi arabijana, ivyacuzwe mw izahabu ukwavyo, n’ivyacuzwe mw ifeza ukwavyo.


Inyuma ya ca gihuzu gikingiriye vya Bishinga intahe, mw ihema ry’ibonaniro, az’ abe ari ho Aroni azokwama aritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo ubudasība: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.


Ivyo bāzēzwa yar’ isandugu n’ameza n’ico guterekwakw amatara, n’ibicaniro vyompi, n’ibintu vy’Ahēra vyo gukoresha, n’igihuzu co gukingīra Ahēra, n’ibikorwa vyavyo vyose.


Baheze bābīre impuzu y’isufe, bayitwikirize igitereko c’ amatara, bo n’amatara yaco, n’ imakasi zaco zo gutunganya urutambi, n’udusahani two gushirwak’ umunyota warwo, n’ibikoreshwa amavuta vyose vyo ku ruhande rwaco,


ati Barira Aroni, uti Ni washira ya matara ku gitereko cayo, uz’ uyatereke kuri co ukw ari ndwi, uburyo butuma abonesha imbere yaco.


Kuko hār’ ihema ryiteguwe, mu ryo hino hārimw’ igiterekwakw amatara, n’ameza, n’imitsima y’ibiterekerwa yama kuri yo: iryo ryitwa Ahēra.


ibanga ry’inyenyeri ndwi izo umbonanye mu kuboko kwanje kw’i buryo, n’ivy’ ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu. Inyenyeri ndwi ni zo bamarayika b’ayo mashengero ndwi, ibiterekwakw amatara ndwi na vyo ni vyo mashengero ndwi.


Abo ni bo biti vy’imyelayo bibiri n’ibiterekwakw amatara bibiri, bihagaze imbere ya Nyen’ isi.


Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk’ivya mbere. N’utagira urtyo, nzoza kuri wewe nkūre igiterekwakw itara cawe ahantu haco, shiti wihannye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ