Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 24:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Inyuma ya ca gihuzu gikingiriye vya Bishinga intahe, mw ihema ry’ibonaniro, az’ abe ari ho Aroni azokwama aritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo ubudasība: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 24:3
6 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


ati Barira Abisirayeli bakuzanire amavuta y’umwisengesure avuye muri elayo zisekuwe, ya ya matara, kugira ngo haze hame har’ itara ryaka.


Aze yame atunganiriza ayo matara kur’ ico gitereko c’izahabu iramuye, kugira ngo yame yakira imbere yanje ubudasiba.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Namwe muze mwitondere ivyo mujējwe vy’Ahēra n’ivy’ igicaniro, kugira ngo ntihaze hasubire kuza uburake ku Bisirayeli.


itara ry’Imana ritarazima, Samweli na we aryamye mu rusengero rw’Uhoraho, ah’ isandugu y’ Imana iba,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ