Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.
Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
Umunyamahanga ni yaza kuba muri mwebge, akagomba kuja mu vya Pasika yanje, jewe Uhoraho, az’ agenze nk’ukw ibgirizwa ry’ ivya Pasika rimeze, bo n’imigenzo yayo: muze mugire ibgirizwa rimwe ku munyamahanga no ku mvukira.
Kandi mur’ ico gihe nihanikirije abacamanza banyu, nti Ni mwumvirize imanza za bene wanyu, mucire urw’ ukuri umuntu na mugenzi we, cank’ umuntu avuganye n’umunyamahanga aba i we.