Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 24:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Kand’ ūzorogota kw izina ryanje, jewe Uhoraho, ntaz’ abure kwicwa: ikoraniro ryose rize rimwicishe amabuye: yaba umunyamahanga ari muri mwebge cank’ imvukira azorogota kw izina ryanje, aze yicwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 24:16
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Dawidi ahagurukana n’abo bantu bose bari kumwe na we, baja i Bayali‐yuda gukūray’ isandugu y’Imana yitirirwa rya Zina, ari ryo zina ry’Uhoraho Nyen’ ingabo yama avyagiye ku bakerubi.


Bakuvugana icīra bacumura, Abansi bawe bavugira ubusa izina ryawe.


Mana, umurwanizi azogeza hehe kudutuka? Mbeg’ umwansi azorogota kw izina ryawe ibihe vyose?


Ibuka ibi: yukw abansi bakwinantajeko, Uhoraho; Ihanga ritagira ubgenge ryarogose kw izina ryawe.


Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy’ ubusābusa; kuk’ uworivuga ku vy’ubusābusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhōra.


Ntihaze hagire ūrogota kuri jewe Imana, canke ngw avume umukuru wo mu bgoko bganyu.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu uw’ari we wese, ar’ uwo muri mwebge Abisirayeli canke w’umunyamahanga aba muri mwebge, azoshikanira Moleki uwo mu bana biwe, ntaz’ abure kwicwa; abo mur’ ico gihugu baze bamwicishe amabuye.


Kubg’ ivyo ndababgira yukw icaha cose n’ukurogota, abantu bazobiharirwa; ariko kurogota kuri Mpwemu n’icaha kitazoharirwa.


mugira ngw iki? Na bo baramwishura, bat’ Akwiye gupfa.


Murīyumviye ingen’ arogose: mugira ngw iki? Bose bamucira urubanza ngw akwiye gupfa.


Abayuda baramwishura, bati Twebge dufise icagezwe, kandi kubg’ ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w’Imana.


No mu masinagogi yose nābahana kenshi, nkagerageza cane kubatukisha Yesu; kandi kuko nasazwa cane mbazira, narabatuza no gushitsa mu bisagara vy’abanyamahanga.


bamuhindira inyuma y’igisagara, bamwicisha amabuye; kand’ abāmwagirije bāri bafashije hasi imitamana yabo imbere y’ibirenge vy’umusore yitwa Sauli.


naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;


Si bo barogota kw izina ryiza mwitirirwa?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ