Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 24:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 ati Jana uwatukanye inyuma y’aho mushagaje, abamwumvise bose aho yatukana bashire ibiganza vyabo ku mutwe wiwe: ikoraniro ryose rimwicishe amabuye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 24:14
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

maze muzane abantu babiri b’inshirukanya, baje imbere yiwe bamwagirize, bati Warogose ku Mana no ku mwami. Muheze mumujane inyuma y’ igisagara, mumwicishe amabuye.


Imisi yose akirwaye iyo ndwara azoba ahumanye; mber’ azoba ar’ igihumane, abe ukwiwe: az’ abe hirya y’aho mushagaje.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu uw’ari we wese, ar’ uwo muri mwebge Abisirayeli canke w’umunyamahanga aba muri mwebge, azoshikanira Moleki uwo mu bana biwe, ntaz’ abure kwicwa; abo mur’ ico gihugu baze bamwicishe amabuye.


Umugabo cank’ umugore bahamagara imizimu, canke bakaba abamenyi, ntibaze babure kwicwa: baze babicishe amabuye; amaraso yabo ni bo azokora.


Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.


muce muzana uwo mugabo cank’ uwo mugore, yakoze ico kintu kibi, mumushikane kw irembo ry’igisagara canyu, mumwicishe amabuye.


Amaboko y’abamwagīrīje az’ abe ari yo atangura kumwica, maze habone gukurikirako n’ abandi bantu bose. Ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.


Abagabo bose bo mu gisagara cabo baze bamwicishe amabuye: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge; Abisirayeli bose bazovyumva batinye.


baze bamusohokane, bamujane ku muryango w’inzu ya se, abagabo bo mur’ ico gisagara cabo bamwicishe amabuye, kuko yakoze ikizira mu Bisirayeli, agasambanira kwa se: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.


Maze Yosuwa aravuga, ati N’iki catumye udutēza amagorwa? Nawe uyu musi Uhoraho aragutera amagorwa. Maz’ Abisirayeli bose bamutera amabuye; babicisha amabuye, barabaturira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ