Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 24:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Uwo muhungu w’Umwisirayelikazi arogota kuri rya Zina, ararituka: bamuzanira Mose. Nyina yitwa Shelomiti, mwene Diburi, wo mu muryango wa Dani.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 24:11
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko kuko wahaye abansi b’Uhoraho urwitwazo rukomeye rwo kumurogotako kubg’ ico wakoze, wa mwana wavyara ntakabuza azopfa.


maze muzane abantu babiri b’inshirukanya, baje imbere yiwe bamwagirize, bati Warogose ku Mana no ku mwami. Muheze mumujane inyuma y’ igisagara, mumwicishe amabuye.


maz’ abo bantu babiri b’inshirukanya baraza bamwicara imbere, bāgiriza Naboti ngaho imbere y’ abantu, bati Naboti yarogose ku Mana no ku mwami. Maze baca bamukūra mu gisagara, bamwicisha amabuye.


Ngo Kandi Hezekiya ntabizigize Uhoraho, ababarira, ng’ Uhoraho ntazobura kubakiza, kandi ng’ Uyu murwa ntuzotangwa ng’ ukorokere mu maboko y’umwami w’i Ashuri.


Ngo N’izihe mu mana zose zo mur’ ivyo bihugu zākijije igihugu cazo ngo ntigikorokere mu maboko yiwe, ng’Uhoraho na we akize Yerusalemu ngo ntihakorokere mu maboko yiwe?


Hanyuma wa muzezwarugo Eliyakimu mwene Hilukiya, n’umukarani Shebuna, n’ umwanditsi w’ivyaja biraba yitwa Yowa mwene Asafu, baza kuri Hezekiya bitantamuriyekw impuzu zabo, bamudondera amagambo ya Rabushake.


mut’ Uku abe ari ko muzobgira Hezekiya umwami w’i Buyuda, mut’ Iyo Mana wishimiye ntiz’ iguhende, ngw I Yerusalemu ntihazotangwa mu maboko y’umwami w’i Ashuri.


Uwo watonganije ukamurogotako ni nde? Ni nde wirahiye akararamango ukamurābana agakēngērwe? Erega ni jewe Uwera wa Isirayeli.


Yesaya arababgira, at’ Uku abe ari ko mubgira shobuja, mut’ Uku ni k’Uhoraho agize, ngo Ntutinye ayo magambo wumvise, abo baja b’umwami w’i Ashuri bamurogoseko.


Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, wubike ivy’ afise vyose, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.


Mur’ ivyo vyose Yobu ntiyakoze icaha, canke ngw aherereze amafuti ku Mana.


Nuk’ ukw imisi y’amazimano yabo yahera, Yobu yabatumako ngw abeze, akavyuka kare mu gatondo, agatanga ibimazi vyoswa bihwanye n’igitigiri ca bose: kuko Yobu yavuga, ati Kumbure abahungu banje bācumuye, barogota ku Mana mu mitima yabo. Uko ni ko Yobu yahora agenza ubudasiba.


Ariko pfa gutuma ukuboko kwawe, utere amagufa yiwe n’umubiri wiwe, urābe kw atazokurogotako imbonankubone.


Ibuka ibi: yukw abansi bakwinantajeko, Uhoraho; Ihanga ritagira ubgenge ryarogose kw izina ryawe.


Mana, haguruka wībūranire: Ibuka yukw ikijuju cīriza umusi kigutuka.


Abe ari bo bacira abantu imanza ibihe vyose, nawe baze bahore bakuzanira urubanza rugoye, arik’ urubanza rwose rutagoye abe ari bo baruca ubgabo. Ico ni co kizokuremurura, na bo bazokugabanura ibikorwa.


Nuko bacira abantu imanza ibihe vyose: imanza zigoye bazizanira Mose, arikw izitagoye zose bakazica ubgabo.


Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy’ ubusābusa; kuk’ uworivuga ku vy’ubusābusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhōra.


Ntihaze hagire ūrogota kuri jewe Imana, canke ngw avume umukuru wo mu bgoko bganyu.


Imana yongera kubarira Mose, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, ut’ UHORAHO, Imana ya ba sogokuruza, yabantumyeko, ni yo Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo: iryo ni ryo zina ryanje ry’ibihe bitazoshira, iryo ni ryo rizobabera icibutso canje, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana.


Bazoca mu gihugu bamerewe nabi cane bashonje: maze ni bafatwa n’inzara bazoshangashirwa, bavume umwami wabo n’ Imana yabo; bazorarama barābe hejuru:


Umuhungu w’Umwisirayelikazi yavyaranye n’Umunyegiputa arasohoka, aja mu Bisirayeli; atonganira mu nsago n’umuntu w’ Umwisirayeli.


Bun’ umuherezi mukuru yitantamurirakw impuzu ziwe, at’ Ararogose; turacaronderera iki ivyabona? Ehe murīyumviye ingen’ arogose:


Izina ry’Imana muritukisha mu mahanga, nk’uko vyanditswe.


naho nabanje kumurogotako no kumuhīga no kumwambika ibara. Ariko naragiriwe ikigongwe kuko nabikoze ntabizi ntarizera;


kand’ uburibge bgabo n’ibisebe vyabo bituma barogota ku Mana Nyen’ ijuru, kandi ntibihana ngo bareke ibikorwa vyabo.


Urubura ruhambaye, ibuye rimwe ryarwo ririvye nk’italanto, rukoragurikira ku bantu ruvuye mw ijuru: ico cago c’urubura gituma abantu barogota ku Mana, kukw icago carwo gikomeye cane.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ