10 Umuhungu w’Umwisirayelikazi yavyaranye n’Umunyegiputa arasohoka, aja mu Bisirayeli; atonganira mu nsago n’umuntu w’ Umwisirayeli.
Kandi n’igugu ry’ikivange c’abanyamahanga rijana na bo, n’imikuku n’amasho vy’ibitayega.
Uwo muhungu w’Umwisirayelikazi arogota kuri rya Zina, ararituka: bamuzanira Mose. Nyina yitwa Shelomiti, mwene Diburi, wo mu muryango wa Dani.
Kand’ iyo mitsima iz’ ibe iya Aroni n’abana biwe; baze bahore bayirīra ahantu hera, kukw ar’ umugabane wiwe wera cane w’intahava agerewe mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.
Abanyamahanga b’ikivange bari muri bo batangura kwifuza inyama; Abisirayeli na bo bongera kurira, bati Ni nde yoduha inyama zo kurya?