Kandi ku musi w’intangamarāra mukoranywe no kuba ikoraniro ryera, no ku musi ugira indwi haze habe irindi nyene; ntihaze hagire igikorwa na kimwe gikorwa kur’ uwo musi, atar’ igikorwa c’inda gusa, ico conyene kize kibe ari co mukora.
No ku musi wo kuzana ivyimburwa vy’umushuzo, igihe munshikanira ishikanwa ry’umushuzo, jewe Uhoraho, ku musi mukuru ukurikira amasabato ndwi, muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera: ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.