Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 23:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Mur’ iyo misi ukw ar’ indwi, uko bukeye muze munshikanire ibimazi bitōngōrwa n’umuriro: umusi ugira indwi uz’ ube uwo gukorana kwera, ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 23:8
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ku musi w’intangamarāra mukoranywe no kuba ikoraniro ryera, no ku musi ugira indwi haze habe irindi nyene; ntihaze hagire igikorwa na kimwe gikorwa kur’ uwo musi, atar’ igikorwa c’inda gusa, ico conyene kize kibe ari co mukora.


Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, maz’ umusi ugira indwi uz’ ube umusi mukuru w’Uhoraho.


Mur’ iyo misi mikuru ukw ar’ indwi az’ atange ibimazi vyo kwosereza Uhoraho, amamasa ndwi‐ndwi n’impfizi z’intama ndwi‐ndwi bitagira agasembga, ku musi wose ukw ar’ indwi; n’impfizi z’impene kw ikimazi gitangirwa ivyaha imwe‐imwe uko bukeye.


Ku musi w’intangamarāra wayo muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera: ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.


Ku musi w’intangamarāra wayo muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera: ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako:


Kandi ku musi ugira indwi muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera: ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.


No ku musi wo kuzana ivyimburwa vy’umushuzo, igihe munshikanira ishikanwa ry’umushuzo, jewe Uhoraho, ku musi mukuru ukurikira amasabato ndwi, muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera: ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.


Imitsima itambiwe iz’ ibe ari yo murya kumara imisi itandatu; maze ku wugira indwi muze mugire ikoraniro ry’agahebuza, mushengereye Uhoraho Imana yanyu; ntihaze hagire igikorwa muwukorako.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ