Kandi ku musi w’intangamarāra mukoranywe no kuba ikoraniro ryera, no ku musi ugira indwi haze habe irindi nyene; ntihaze hagire igikorwa na kimwe gikorwa kur’ uwo musi, atar’ igikorwa c’inda gusa, ico conyene kize kibe ari co mukora.
Mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo wa mbere, muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako: muze muwugire umusi wo kuvuzakw inzamba.
Kandi ku musi ugira icumi na gatanu w’ukwo kwezi kw’indwi muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa kiruhisha muwukorako, kandi muze mumare imisi ndwi muri mu misi mikuru yo kunyubaha, jewe Uhoraho.