5 mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo w’icumi na kane ku mugoroba, haze hame haba Pasika yanje Uhoraho.
muze mugire imisi mikuru y’ imitsima itambiwe: nk’uko nababariye, mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe, mu gihe cashinzwe co mu kwezi Abibu, kukw ari kwo mwaviriyemwo muri Egiputa: ntihaze hagire ūrenguka iminwe misa imbere yanje.
Mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo w’icumi na kane, muze mugire Pasika, iz’ ibe imisi mikuru gushitsa indwi; baze barye imitsima itambiwe.
Ku musi w’intangamarāra wo kurya imitsima itambiwe abigishwa baza kuri Yesu, baramubaza, bat’ Ugomba ko tugutegurira hehe ah’ uriburīre ivya Pasika?
Ku musi w’intangamarāra wo kurya imitsima itambiwe, uwo bābāgak’ umwagazi w’intama wa Pasika, abigishwa biwe baramubaza, bat’ Ugomba ko twoja hehe gutegura ivya Pasika ng’ ubirye?
Umusi w’imitsima itambiwe urashika, uwo bakwiye kubāgak’ umwagazi w’intama wa Pasika.
Nukw Abisirayeli bagishagaje i Gilugali barya ivya Pasika ku musi ugira icumi na kane w’ukwo kwezi, ku mugoroba, bari mu kiyaya c’i Yeriko.