Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 23:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik’ ūgira indwi n’ isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako; n’isabato yanje Uhoraho, yo kwitonderwa mu ngo zanyu zose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 23:3
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arababarira, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, at’ Ejo uzoba umusi wo kuruhūka, w’isabato irobanuriwe Uhoraho; ni bagende barondere ivyo bagomba, bateke ivyo bagomba; ibisāgutse babibīke, babirāze.


Rāba, jewe Uhoraho ko nabahaye isabato, ni co catumye mbaha ivyo kurya vy’imisi ibiri ku wa gatandatu. Umuntu wese n’agume ah’ ari, ntihagire umuntu ayegayega ku musi ugira indwi.


Mu misi itandatu muze mukore ibikorwa vyanyu, maze ku musi ugira indwi muze muruhuke, kugira ngw inka zanyu n’indogoba zanyu mukoresha na zo zibone kuruhuka, n’abana b’abaguranokazi banyu n’ab’ akavantara bari muri mwebge babone guta akuya.


Mu misi itandatu muze mukore ibikorwa, ariko ku musi ugira indwi muze muruhūke; no mw irima no mw iyimbura muze mwame muwuruhūkako.


Hahirwa umuntu akora ivyo, n’umwana w’umuntu abibangiriza, akaziririza isabato ntayikēngēre, akarinda ukuboko kwiwe ntigukore icaha na kimwe.


Kandi n’abanyamahanga bīfatanya nanje Uhoraho kugira ngo bankorere, bakunde izina ryanje, babe abasavyi banje, umuntu wese aziririza isabato ntayikēngēre, akabangiriza isezerano ryanje,


Ni wakūra ikirenge cawe, ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, arik’ ukita isabato umusi w’umunezero, mber’ umusi wanje wera ukawita uw’ icubahiro, ukawubaha, ntukore ivyo ugomba ubgawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa,


Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Arik’ umukuru w’isinagogi yitonganiriza ivy’ uko Yesu akijije umuntu kw isabato, abgira abantu, ati Harih’ imisi itandatu, ikwiye gukorwakw ibikorwa; abe ari yo muzako mukizwe, ariko hatari ku musi w’isabato.


Basubira inyuma, bategura ibimota neza n’amavuta atāmirana. Kandi kw isabato bararuhuka, nk’uko vyagezwe.


Kuk’ uhereye kera hose Mose afise mu bisagara vyose abigisha ivyiwe, bisomwa mu masinagogi ukw isabato itashe.


Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’ inzamba,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ