no mu gihe co gutanga ibimazi vyose vyoserezwa Uhoraho, ari ku masabato, ari mu mboneko z’ ukwezi, ari ku misi mikuru yashinzwe, nk’ukw igitigiri c’ivyo bimazi cāshinzwe, bar’ imbere y’ Uhoraho na ntaryo;
Maze Salomo atuma kuri Huramu umwami w’i Tiro, uti Nk’uko wagirira se Dawidi, ukamurungikira ibiti vy’amasederi vyo kwubaka ingoro yiwe, uti Na we abe ari k’umugirira.
bashinga ko bitāngāzwa mu Bgisirayeli hose, uhereye i Berisheba ugashitsa i Dani, ngo baze i Yerusalemu ku musi mukuru wa Pasika y’Uhoraho Imana y’Abisirayeli; kuko batāri bakiza ari benshi nk’uko vyari vyarashinzwe.
Inzira z’i Siyoni ziraboroga, kukw ata wukiruha aza mu misi mikuru yashinzwe; Amarembo yaho yose arasivye, abaherezi baho baraniha: Inkumi zaho zifise umubabaro, na ho ubgaho hari n’ intuntu.
Mu mibūrano baze babe ari bo baca imanza; nk’ukw ivyagezwe vyanje bibgiriza, abe ari ko bazica; kandi baze bitondere ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje mu misi mikuru yanje yose yashinzwe; kandi baziririze n’amasabato yanje.
Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho.
No mu gihe c’umunezero wanyu, no mu misi mikuru yanyu yashinzwe, no ku musi ukwezi kubonetse, izo nzumbete muze muzivugirize hejuru y’ibimazi vyanyu vyo kwoswa, no ku bimazi vyanyu vy’amashikanwa y’ishimwe; zizobabera icibutso imbere yanje: nd’ Uhoraho Imana yanyu.
Ivyo abe ari vyo muzohora munshikanira, jewe Uhoraho, mu misi mikuru yanyu ishinzwe, muvyongeye ku bimazi vyanyu vyo kwoswa, no ku mashikanwa yanyu y’ifu no ku y’ibiturire, no ku bimazi vyanyu vy’ishimwe, ivyo mutangishwa no gushitsa isezerano canke n’uko muvyigombeye.