Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 23:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Barira Abisirayeli, ut’ Iyi ni yo misi mikuru yiwe ishinzwe mukwiye kuzotāngāza kw ar’ iyo gukorana kwera; imisi mikuru yiwe ishinzwe n’iyi:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 23:2
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yehu aravuga, ati Mushinge ikoraniro ry’agahebuza rya Bayali. Nuko bararitāngāza.


no mu gihe co gutanga ibimazi vyose vyoserezwa Uhoraho, ari ku masabato, ari mu mboneko z’ ukwezi, ari ku misi mikuru yashinzwe, nk’ukw igitigiri c’ivyo bimazi cāshinzwe, bar’ imbere y’ Uhoraho na ntaryo;


Maze Salomo atuma kuri Huramu umwami w’i Tiro, uti Nk’uko wagirira se Dawidi, ukamurungikira ibiti vy’amasederi vyo kwubaka ingoro yiwe, uti Na we abe ari k’umugirira.


bashinga ko bitāngāzwa mu Bgisirayeli hose, uhereye i Berisheba ugashitsa i Dani, ngo baze i Yerusalemu ku musi mukuru wa Pasika y’Uhoraho Imana y’Abisirayeli; kuko batāri bakiza ari benshi nk’uko vyari vyarashinzwe.


hanyuma bakomeza gutanga ibimazi vyo kwoswa vy’intasība, n’ivyo mu mboneko z’amezi, n’ivy’ imisi mikuru yose yerejwe Uhoraho, n’ ivyo umuntu wese yagomba gushikanira Uhoraho ishikanwa bivuye ku mutima ukunze.


Muvuze inzamba ukwezi kubonetse, N’iy’ ukwezi gufashe, ku musi wacu mukuru.


Aroni abibonye, yubaka igicaniro imbere yaco; arabitāngāza, aravuga, at’ Ejo hazoba umusi mukuru w’Uhoraho.


Ni witegereze i Siyoni, umurwa twagiriramw’ imisi mikuru yacu: amaso yawe azobona i Yerusalemu hasigaye hatsimbataye har’ amahoro, ar’ ihema ritazokūrwaho, imambo zaryo ata ho zizoshingūrwa, ata n’ umugozi waryo uzocika.


Inzira z’i Siyoni ziraboroga, kukw ata wukiruha aza mu misi mikuru yashinzwe; Amarembo yaho yose arasivye, abaherezi baho baraniha: Inkumi zaho zifise umubabaro, na ho ubgaho hari n’ intuntu.


Mu mibūrano baze babe ari bo baca imanza; nk’ukw ivyagezwe vyanje bibgiriza, abe ari ko bazica; kandi baze bitondere ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje mu misi mikuru yanje yose yashinzwe; kandi baziririze n’amasabato yanje.


Nzomucakw ibitwengo, n’imisi mikuru yaziririza, bo n’ imboneko z’amezi n’amasabato n’ imisi mikuru yose yashinzwe.


Mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose habe ikoraniro ry’agahebuza; mwa bashingantahe, ni mukoranye ababa mu gihugu bose, baze mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu, mutakambire Uhoraho.


Ni muvugirize inzamba i Siyoni, mushinge igihe co kwisonzesha, mutāngāze hose, habe ikoraniro ry’agahebuza,


Kur’ uwo musi nyene muze mutāngāze kw ar’ umusi mukuru: muze muwugire uwo gukorana kwera; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’ intahava mu ngo zanyu zose no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana.


Iyo ni yo misi mikuru yanje jewe Uhoraho; mukwiye kuyitāngāza kw ar’ iyo gukorana kwera, no kuyinshikanirakw ibimazi vyo gutōngōrwa n’umuriro, vy’ivyo kwoswa, n’amashikanwa y’ivyakozwe mw ifu, n’ibimazi bindi, n’amashikanwa y’ibiturire, ibintu vyose ku musi wavyo, uko vyashinzwe;


Iyi ni yo misi mikuru yanje Uhoraho ishinzwe yo gukorana kwera, mukwiye kuzotāngāza igihe cayo kigeze:


Nuko Mose amenyesha Abisirayeli imisi mikuru y’Uhoraho ishinzwe iy’ ari yo.


Rāba ku misozi ibirenge vy’ ūzanye inkuru nziza, akāmāmaza ivy’ amahoro! Buyuda we, ni witondere imisi mikuru yawe, ushitse amasezerano yawe: kuk’ umunyakibi atazosubira guca hagati muri wewe: arahenebereye rwose.


No mu gihe c’umunezero wanyu, no mu misi mikuru yanyu yashinzwe, no ku musi ukwezi kubonetse, izo nzumbete muze muzivugirize hejuru y’ibimazi vyanyu vyo kwoswa, no ku bimazi vyanyu vy’amashikanwa y’ishimwe; zizobabera icibutso imbere yanje: nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Ivyo abe ari vyo muzohora munshikanira, jewe Uhoraho, mu misi mikuru yanyu ishinzwe, muvyongeye ku bimazi vyanyu vyo kwoswa, no ku mashikanwa yanyu y’ifu no ku y’ibiturire, no ku bimazi vyanyu vy’ishimwe, ivyo mutangishwa no gushitsa isezerano canke n’uko muvyigombeye.


Hanyuma y’ivyo haba imisi mikuru y’Abayuda; Yesu adūga i Yerusalemu.


Ndagomba ko mumenya ukuntu mbarwanira intambara, mwe n’ab’i Lawodikiya n’abatarankubita ijisho bose uko bangana,


Nuko ntihakagire ūbahinyura ku biribga canke ku binyobga, canke mu vy’ imisi mikuru canke mu vy’ ukwezi kubonetse canke mu vy’ isabato:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ