Uti Non’ agira ngo yubake ingoro y’izina ry’Uhoraho Imana yiwe, ut’ Az’ aheze ayimushikirize, uti Kugira ngo haboneke aho kumwosereza imibavu y’ibintu bimoga, n’aho gutereka imitsima y’ibiterekērwa, n’aho kwosereza ibimazi vyo mu gitondo no ku mugoroba, n’ivyo ku masabato, n’ivyo mu mboneko z’ukwezi n’ivyo ku misi mikuru yashinzwe y’Uhoraho Imana yabo; uti Kukw ivyo ar’ icagezwe c’intahava ku Bisirayeli.
Ariko segaba az’ abe ari we atanga ibimazi vyo kwoswa, n’amashikanwa y’amafu, n’amashikanwa y’ibiturire, mu misi mikuru no mu mboneko z’ukwezi no ku masabato, no mu misi mikuru yose yashingiwe ab’ inzu ya Isirayeli: az’ atange ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ishikanwa ry’ amafu, n’ibimazi vyo kwoswa, n’ibimazi vy’ishimwe, kugira ngw atangire impongano inzu ya Isirayeli.