Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 23:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Uhoraho abarira Mose,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 23:1
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

no mu gihe co gutanga ibimazi vyose vyoserezwa Uhoraho, ari ku masabato, ari mu mboneko z’ ukwezi, ari ku misi mikuru yashinzwe, nk’ukw igitigiri c’ivyo bimazi cāshinzwe, bar’ imbere y’ Uhoraho na ntaryo;


Uti Non’ agira ngo yubake ingoro y’izina ry’Uhoraho Imana yiwe, ut’ Az’ aheze ayimushikirize, uti Kugira ngo haboneke aho kumwosereza imibavu y’ibintu bimoga, n’aho gutereka imitsima y’ibiterekērwa, n’aho kwosereza ibimazi vyo mu gitondo no ku mugoroba, n’ivyo ku masabato, n’ivyo mu mboneko z’ukwezi n’ivyo ku misi mikuru yashinzwe y’Uhoraho Imana yabo; uti Kukw ivyo ar’ icagezwe c’intahava ku Bisirayeli.


akāma atanga ivyashinzwe na Mose vyatangwa uko bukeye, bo n’ivyo ku masabato n’ivyo mu mboneko z’ukwezi, n’ivyo ku misi mikuru yashinzwe, nk’ukw ikurikirana gatatu‐gatatu mu mwaka, ari yo misi mikuru y’imitsima itambiwe, n’umusi mukuru ukurikira amasabato ndwi, n’imisi mikuru y’insago.


Ntimukongere kunshikanira amashikanwa atagira ikimazi: imibavu n’igisesema kuri jewe; imboneko z’amezi n’amasabato no gukoranya ibikorane — eka sinshobora kwihanganira amakoraniro y’agahebuza avanze n’ibigabitanyo!


Mu mibūrano baze babe ari bo baca imanza; nk’ukw ivyagezwe vyanje bibgiriza, abe ari ko bazica; kandi baze bitondere ivyagezwe vyanje n’amabgirizwa yanje mu misi mikuru yanje yose yashinzwe; kandi baziririze n’amasabato yanje.


Ariko segaba az’ abe ari we atanga ibimazi vyo kwoswa, n’amashikanwa y’amafu, n’amashikanwa y’ibiturire, mu misi mikuru no mu mboneko z’ukwezi no ku masabato, no mu misi mikuru yose yashingiwe ab’ inzu ya Isirayeli: az’ atange ikimazi gitangirwa ivyaha, n’ishikanwa ry’ amafu, n’ibimazi vyo kwoswa, n’ibimazi vy’ishimwe, kugira ngw atangire impongano inzu ya Isirayeli.


Mu misi mikuru no mu yindi misi mikuru ishinzwe, ishikanwa ry’ifu rize ribe efa imwe igeretswe ku masa yose, na efa imwe nyene igeretswe ku mpfizi y’intama yose, n’irigerekwa ku myagazi y’intama az’ atange ibimushobokeye, no kuri efa yose y’ifu hajekw amavuta, ingero yitwa hini.


nabakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.


ati Barira Abisirayeli, ut’ Iyi ni yo misi mikuru yiwe ishinzwe mukwiye kuzotāngāza kw ar’ iyo gukorana kwera; imisi mikuru yiwe ishinzwe n’iyi:


Nuko Mose amenyesha Abisirayeli imisi mikuru y’Uhoraho ishinzwe iy’ ari yo.


bakagomba kumpa ibimazi, jewe Uhoraho, vyo gutōngōrwa n’umuriro bakūye mu masho canke mu mikuku, ar’ ivyo kwoswa, ar’ ivyo gushitsa isezerano, ar’ ivyo batanze bavyigombeye, cank’ ar’ ivyo ku misi mikuru yanyu yashinzwe, ngo bibe umubabge ummotera neza jewe Uhoraho,


Muziririza imisi n’amezi n’ibihe n’imyaka.


Nuko ntihakagire ūbahinyura ku biribga canke ku binyobga, canke mu vy’ imisi mikuru canke mu vy’ ukwezi kubonetse canke mu vy’ isabato:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ