Uhoraho abarira Mose, ati Barira Aroni mukurwawe, yoye kwama yinjira, igihe yigombeye cose, ngw aje Ahēra, hirya ya ca gihuzu gikinze, imbere ya wa mutemere wo guhongerako urumitse kuri ya sandugu hejuru, kugira ngo ntapfe; kuko nzoserukira kur’ uwo mutemere wo guhongerako ndi muri ca gicu.
Uti Ni mwaheza gukūramw’ ibirusha ibindi kuba vyiza mwamugereye, nta caha kizobabako ku bisigaye: ut’ Ariko ntimuze mukengereze ivyera Abisirayeli batanga, kugira ngo ntimupfe.