Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 22:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ni co gituma bakwiye kwitondera ibgirizwa ryanje, boye kwikwēgera icaha kubgaryo, rikabicisha, kuko bazoba bahumanije ivyejejwe: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 22:9
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

yambare Aroni n’ abana biwe, uko bagiye kwinjira mw ihema ry’ibonaniro, cank’ uko bagiye kwegera igicaniro ngo bakorere Ahēra; kugira ngo ntibagībgeko n’ibigabitanyo, bagapfa: ico kize kimubere icagezwe c’intahava, bo n’uruvyaro rwiwe uko ruzogenda rukurikirana.


iyo mibavu ayishire kur’ uwo muriro aho nyene imbere yanje, kugira ng’ umwotsi w’iyo mibavu utwīkīre wa mutemere wo guhongerako, uri hejuru ya vya Bishinga intahe, kugira ngo ntapfe.


Uhoraho abarira Mose, ati Barira Aroni mukurwawe, yoye kwama yinjira, igihe yigombeye cose, ngw aje Ahēra, hirya ya ca gihuzu gikinze, imbere ya wa mutemere wo guhongerako urumitse kuri ya sandugu hejuru, kugira ngo ntapfe; kuko nzoserukira kur’ uwo mutemere wo guhongerako ndi muri ca gicu.


Ni co gituma mukwiye kwitondera ivyo mbihanikirije, kugira ngo ntimuze mugire n’umwe mur’ iyo migenzo izira mukora, yakorwa n’ababatanguriye kuhaba, ngo muyiyandurishe: nd’ Uhoraho Imana yanyu.


bigatuma babacumuza, bikabazanira gutsindwa, iyo hagize abarya ku vyejejwe vyabo: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Kandi guhēra ubu, Abisirayeli ntibaze basubire kwēgēra iryo hema ry’ibonaniro, kugira ngo ntibīshirekw icaha kikabazanira gupfa.


Uti Ni mwaheza gukūramw’ ibirusha ibindi kuba vyiza mwamugereye, nta caha kizobabako ku bisigaye: ut’ Ariko ntimuze mukengereze ivyera Abisirayeli batanga, kugira ngo ntimupfe.


Mwa bipfu n’impumyi mwe, non’ igihambaye n’ikihe: n’izahabu canke n’urusengero rweza izahabu?


Nuko mukunde Uhoraho Imana yanyu, muze mwame mwitondera ivyo yabajeje, n’amabgirizwa yiwe, n’amatēka yashinze, n’ivyagezwe vyiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ