Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 22:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 ūzokora ku bimeze birtyo azoba ahumanye arinde ashitsa ku mugoroba; ntaz’ arye kur’ ivyo vyejejwe, shit’ abanje kwiyuhagira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 22:6
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ikigendesha amajanja cose co mu bigenza amaguru ane vyose, n’igihumanya kuri mwebge; uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Kandi n’ uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ivyo n’ ibihumanya kuri mwebge.


Ivyo vyose n’ibihumanya kuri mwebge mu binyonyera vyose; uwokora ku gipfuye muri vyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Kand’ ikintu cose cokorokerwako n’umuvyimba w’ico muri vyo coba gihumanye; kandi naho coba ikintu cose cabājwe mu giti, cank’ umwambaro, cank’ urusato, cank’ igunira, cank’ ikindi kintu iyo kiva kikagera gikoreshwa mu buryo ubg’ ari bgo bgose, gikwiye kwinikwa mu mazi, kibe igihumanye gushitsa ku mugoroba; aho ni ho kizoba gihumanutse.


Kand’ igikōko cose cank’ igitunzwe mu vyo mwemererwa kurya, hagize igipfuye, uwokora ku muvyimba waco yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Kandi horamuka har’ ūriye ku muvyimba waco, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba; n’uwoterura umuvyimba waco, na we az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


cank’ ūzokora ku kanyonyera ak’ ari ko kose, ar’ akomuhumanya, canke ku muntu, ar’ uwomuhumanisha ubuhumane ubg’ ari bgo bgose;


Izuba ni ryamara kurenga azoba ahumanutse; ni h’azobona kurya ku vyejejwe, kukw ivyo ari vyo vyar’ indya ziwe.


Maze Hagayi arababaza, at’ Umuntu yahumanijwe n’ukw akoze ku muvyimba, yokora kuri kimwe mur’ ivyo, coba gihumanye? Abaherezi barishura, bati Coba gihumanye.


Kand’ ikintu cose ūhumanye azokorako na co kizoba gihumanye: ūzogikorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ