Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 22:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Umuntu wese wo mu ruvyaro rwa Aroni yabaye umunyamibembe cank’ afise igisokoro, ntaz’ arye ku vyera gushitsa ahumanutse. Kand’ ūzokora ku kintu ic’ ari co cose cahumanijwe no gukora ku muvyimba, canke ku mugabo intanga zavuyemwo;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 22:4
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kand’ igikōko cose cank’ igitunzwe mu vyo mwemererwa kurya, hagize igipfuye, uwokora ku muvyimba waco yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Kand’ umwambaro wose cank’ urusato rwose kirikw izo ntanga, kize kimesurwe, kize gikomeze kiba igihumanye gushitsa ku mugoroba.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ umugabane wera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa jewe Uhoraho.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ ikintu cera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.


Uhoraho abarira Mose, ati Barira abaherezi bene Aroni, uti Ntihaze hagire umuherezi yiyandurisha ūpfuye wo mu bgoko bgabo;


Ashobora kurya ku mfungurwa zanje, Imana yiwe, ari ku zera cane, canke ku zera zindi.


Maze Hagayi arababaza, at’ Umuntu yahumanijwe n’ukw akoze ku muvyimba, yokora kuri kimwe mur’ ivyo, coba gihumanye? Abaherezi barishura, bati Coba gihumanye.


Amashikanwa yose ngerewe yo mu vyera, ayo Abisirayeli bazonshikanira jewe Uhoraho, ndayaguhaye, mwe n’abahungu bawe n’ abakobga bawe, abe umuturi wanyu w’intahava. Iryo n’isezerano ritazohinduka imbere yanje kugeza ibihe bidashira, usezeraniwe, mwe n’uruvyaro rwawe.


Ibi ni vyo bizoba ivyawe vyo mu vyera cane bitar’ ivyo kwosa ku muriro: ishikanwa ryabo ryose bazonshikanira, ar’iry’ amafu, ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha, ar’ impongano, bizoba ar’ ivyera cane, bibe ivyawe n’abana bawe.


Arik’ umuntu azoba ahumanye, ntiyihumanuze, uwo muntu az’ acibge mw ishengero, kukw azoba ahumanije Ahēra hanje, jewe Uhoraho; ayo mazi ahumanura kw azoba atayamijweko, azoba agihumanye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ