Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 22:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ishuri cank’ umwana w’intama, hagize igifise urugingo rutareha n’izindi, umuntu aremererwa kugitanga kw ishikanwa ashikanye avyigombeye; ariko nticokwemerwa kuba ishikanwa ryo gushitsa isezerano yasezeranye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 22:23
7 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw abagabo n’abagore bose b’Abisirayeli bemejwe n’imitima yabo kugira ico bazana cose co gukoresha igikorwa Uhoraho yabariye Mose gukora, babizanakw amashikanwa avuye ku mitima ikunze, babishikanira Uhoraho.


Umuntu wese afise agasembga ntaz’ anyīgire hafi: ar’ impumyi, ar’ ūcumbagira, ar’ ūfise izuru rihomberanye, ar’ ūfise urugingo rurutana n’urundi,


Ntihaze hagire impumyi, cank’ ikivunitse, cank’ icakomerekejwe, cank’ igifise igisebe, cank’ ikirwaye umwirye, cank’ ubushita, muzonshikanira muri ben’ ivyo, canke ngo mugitange kw ishikanwa munshikaniye jewe Uhoraho, ngo gitōngōrwe n’umuriro ku gicaniro.


Igifise amavya yahomberanye canke yamenetse canke yajanjaguritse canke yashahuwe, ntimuze mukinshikanire, jewe Uhoraho; ntimuze mugenze murtyo mu gihugu canyu.


Ereg’ iyo mutanze impumyi kw ikimazi, mugira ngo Nta co biriko! N’iyo mutanze iyicumbagira n’iyirwaye, na ho nyene ngo Nta co biriko! Genda uyishikanire icēgēra c’umwami: mbeg’ ubgo yogushimira, canke yokwemera n’uko mubonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.


Ariko ni hagira ikigira agasembga, ari nko gucumbagira canke guhuma, cank’ akandi gasembga kabi ak’ ari ko kose, ntimuze mugishikanire Uhoraho Imana yanyu kw ikimazi.


Ntimuze mugire imasa cank’ intama muzanira Uhoraho Imana yanyu kw ikimazi birikw agasembga cank’ igitosekaye cose, kukw ico ar’ umuziro k’Uhoraho Imana yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ