Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 22:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Ntihaze hagire impumyi, cank’ ikivunitse, cank’ icakomerekejwe, cank’ igifise igisebe, cank’ ikirwaye umwirye, cank’ ubushita, muzonshikanira muri ben’ ivyo, canke ngo mugitange kw ishikanwa munshikaniye jewe Uhoraho, ngo gitōngōrwe n’umuriro ku gicaniro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 22:22
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

arikw amara n’ibikenye vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi abihereze vyose, avyosereze kur’ ico gicaniro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


arikw amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi avyosereze vyose ku gicaniro, bibe ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Arikw igifise agasembga cose ntimuze mugitange, kuko kitazokwemerwa ko mushikanye.


Umuntu wese azotanga ikimazi c’ishimwe, akakimpa jewe Uhoraho ngw ashitse isezerano ryiwe, canke kikaba ico atanze avyigombeye, ar’ ico akūye mu busho canke mu mukuku, kize kibe ciza kugira ngo cemerwe: ntihaze hagire agasembga kibonekako.


Ishuri cank’ umwana w’intama, hagize igifise urugingo rutareha n’izindi, umuntu aremererwa kugitanga kw ishikanwa ashikanye avyigombeye; ariko nticokwemerwa kuba ishikanwa ryo gushitsa isezerano yasezeranye.


Maz’ ico kimazi ciwe c’ishimwe agikūrekw ishikanwa anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara,


Bene Aroni baheze bavyosereze ku gicaniro, babigeretse ku kimazi coswa kiri ku nkwi ziri ku muriro: ivyo bizoba ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Ereg’ iyo mutanze impumyi kw ikimazi, mugira ngo Nta co biriko! N’iyo mutanze iyicumbagira n’iyirwaye, na ho nyene ngo Nta co biriko! Genda uyishikanire icēgēra c’umwami: mbeg’ ubgo yogushimira, canke yokwemera n’uko mubonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ