Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 22:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Arikw igifise agasembga cose ntimuze mugitange, kuko kitazokwemerwa ko mushikanye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 22:20
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo wa mbere, uze wābīre imasa y’umukangara idafise agasembga; uheze uz’ uhumanure ahēra.


Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.


Igifise amavya yahomberanye canke yamenetse canke yajanjaguritse canke yashahuwe, ntimuze mukinshikanire, jewe Uhoraho; ntimuze mugenze murtyo mu gihugu canyu.


N’iyo coba kizanywe n’umunyamahanga, ntimuze mwemere ikimeze girtyo na kimwe, ngo mukinshikanire kw imfungurwa, jewe Imana yanyu; ntikizokwemerwa ko mushikanye, kuko gitosekaye, kikabakw agasembga.


Kand’ ishikanwa ry’umuntu ni ryaba ar’ ikimazi c’ishimwe akūye mu busho, ar’ imasa cank’ inyana, az’ agitange kitagira agasembga imbere yanje.


Kand’ ishikanwa ryiwe ry’ ikimazi c’ishimwe anshikaniye, ni caba ar’ ico akūye mu mukuku, ar’ isuguru cank’ ishashi, az’ agitange kitagira agasembga.


Ereg’ iyo mutanze impumyi kw ikimazi, mugira ngo Nta co biriko! N’iyo mutanze iyicumbagira n’iyirwaye, na ho nyene ngo Nta co biriko! Genda uyishikanire icēgēra c’umwami: mbeg’ ubgo yogushimira, canke yokwemera n’uko mubonana? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo abaza.


at’ Ibi ni vyo bibgirijwe n’icagezwe jewe Uhoraho nshinze: Barira Abisirayeli bakuzanire inka y’iriza y’akagajo itagira ibara cank’ agasembga, itigeze gukoreshwa igikorwa na kimwe.


ariko muze mutange ikimazi co kwoswa munshikaniye jewe Uhoraho, c’umubabge umota neza; kize kibe imasa y’umukangara imwe, n’ impfizi y’intama imwe, n’abana b’intama ndwi b’amasuguru, batarengeje umwaka; muze mubitange bitagira agasembga.


Ariko ni hagira ikigira agasembga, ari nko gucumbagira canke guhuma, cank’ akandi gasembga kabi ak’ ari ko kose, ntimuze mugishikanire Uhoraho Imana yanyu kw ikimazi.


Ntimuze mugire imasa cank’ intama muzanira Uhoraho Imana yanyu kw ikimazi birikw agasembga cank’ igitosekaye cose, kukw ico ar’ umuziro k’Uhoraho Imana yanyu.


mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ