Ndababgira, nti Mwebge mur’ aberejwe Uhoraho, n’ibintu vy’ imbombovu na vyo nyene n’ ivyera, kand’ ayo mafeza n’amazahabu ni yo mashikanwa bashikaniye Uhoraho Imana ya ba sogokuruza bivuye ku mitima.
Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.
Uti Ni mwaheza gukūramw’ ibirusha ibindi kuba vyiza mwamugereye, nta caha kizobabako ku bisigaye: ut’ Ariko ntimuze mukengereze ivyera Abisirayeli batanga, kugira ngo ntimupfe.