Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 22:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Barira Aroni n’abana biwe baze bitonde mu kwēgēra ivyejejwe Abisirayeli banshikanira, boye gutukisha izina ryanje ryera: nd’ Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 22:2
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndababgira, nti Mwebge mur’ aberejwe Uhoraho, n’ibintu vy’ imbombovu na vyo nyene n’ ivyera, kand’ ayo mafeza n’amazahabu ni yo mashikanwa bashikaniye Uhoraho Imana ya ba sogokuruza bivuye ku mitima.


muze musobanurire Uhoraho icitwa ubuzibūra cose, n’ic’ uburiza co mu vyo mutunze: ubuzibūra bg’icitwa ikigabo cose buzoba ubg’Uhoraho.


Kaze kabe mu ruhanga rwa Aroni, kandi Aroni az’ abe ari we arābgakw ibigabitanijwe mu vyera, ivyo Abisirayeli bazogenda batirimuka mu mashikanwa yabo yera bazotanga yose; kaze kame kaba mu ruhanga rwiwe na ntaryo, kugira ngo jewe Uhoraho mbone kwākīra amashikanwa yabo.


Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.


Kandi ntimwarinze ivyera vyanje mwajejwe, arikw ahēra hanje mwahajeje abandi mu gishingo canyu.


Uko ni ko muzotandukanya Abisirayeli n’ubuhumane bgabo, kugira ngo boye gupfa bahōwe ubuhumane bgabo bgo kwanduza ihema ryanje riri hagati muri bo.


Kandi ntihaze hagire ūtanga uwo mu bana biwe ngo yoserezwe Moleki kw ikimazi, ngw atukishe izina ryanje, Imana yiwe: nd’ Uhoraho.


Ntimuze murahire ibinyoma izina ryanje, bigatuma mutukisha izina ryanje, Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.


Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.


Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.


Ntimuze mutukishe izina ryanje ryera, ariko nze name mboneka nd’Uwera hagati mu Bisirayeli: ni jewe Uhoraho ndabeza,


Uti Ni mwaheza gukūramw’ ibirusha ibindi kuba vyiza mwamugereye, nta caha kizobabako ku bisigaye: ut’ Ariko ntimuze mukengereze ivyera Abisirayeli batanga, kugira ngo ntimupfe.


Muze murobanurire Uhoraho Imana yanyu uburiza bgose bg’icitwa ishuri buvuka mu masho yanyu no mu mikuku yanyu: ntimuze mugire igikorwa na kimwe mukoresha ic’ uburiza bgo mu masho yanyu, canke ngo mukēmūre ic’ uburiza bgo mu mikuku yanyu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ