Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 22:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 ati Barira Aroni n’abana biwe, n’Abisirayeli bose, yuk’ umuntu wese wo mu b’inzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azoha jewe Uhoraho ikimazi co kwoswa, ar’ ico gushitsa isezerano ryiwe, ar’ ico atanze avyigombeye,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 22:18
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Kore, mwene Imuna Umulewi, umukumirizi w’irembo ry’i burasirazuba, ni we yar’ ajejwe amashikanwa bashikaniye Imana bavyigombeye, agatanga imigabane ku mashikanwa y’Uhoraho no ku bintu vyera cane.


Uhoraho nzomushitsakw amasezerano yanje, Mbere nzoyashitsa mu maso y’abantu biwe bose.


Uhoraho nzomushitsakw amasezerano yanje; Mbere nzoyashitsa mu maso y’abantu biwe bose;


Ishimwe ngushimisha mw ikoraniro ryinshi riva kuri wewe: Nzoshitsa amasezerano nagusezeraniye imbere y’abakwubaha.


Mana, amasezerano nagusezeraniye ari kuri jewe, Kandi nzogushikanira ibimazi vy’ishimwe.


Kuko wewe Mana, wumvise amasezerano yanje: Umpaye umwandu uhabga abubaha izina ryawe.


Ni ho nzoririmbira izina ryawe ishimwe ibihe bidashira, Ngo nshitse amasezerano yanje uko bukeye.


Mana, i Siyoni bagushimisha agahwekere, Kuri wewe bazoshitsa amasezerano.


Ndinjirana ibimazi vyoshejwe mu ngoro yawe, Ndagushitsakw amasezerano yanje,


Umwagazi wanyu uz’ ube ūtagira agasembga, w’isuguru itarengeje umwaka: muze muwukūre mu ntama canke mu mpene.


Ni wasezerana isezerano ku Mana, ntutebe kurishitsa; kukw idahimbarwa n’ibipfu: ushitse ico wasezeranye.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni haramuka hagize ūmuha ikimazi, muze mukūre ivyo bimazi mu vyo mutunze, ari mu masho canke mu mikuku.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Kand’ umuntu wese wo mu Bisirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azogira ico afata ari guhīga, ar’ igikōko, ar’ igisīga, cank’ inyoni, mu vyemerwa kuribga, amaraso yaco az’ ayareke amiminukire hasi, ayarenzekw ivu.


kand’ ivyo ntibikwiye kubabuza kwitondera amasabato yanje, canke gushikana amashikanwa yanyu, canke gushikana ayo gushitsa amasezerano yose mwasezeranye, canke kunshikanira ivyo mutanze vyose muvyigombeye.


Arikw ico kimazi ashikanye, ni caba ico gushitsa isezerano, cank’ ico ashikanye kukw avyigombeye, kize kiribge ku musi agitanzeko; izizorāra kuri co zize ziribge bukeye bgaho.


Mutange imitsima yambiwe kw ibimazi vyo gukenguruka, n’ivyo mutanga muvyigombeye ni muvyāmāmaze, mubikwize! Kukw ivyo ari vyo bibahimbara, yemwe Bisirayeli, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Maz’ abo bantu baca batinya Uhoraho bihebuje; bamuha ikimazi, bamusezeranira amasezerano.


Ariko jeho nzogushikanira ikimazi nsēsereza impundu, Kandi nzoshitsa ivyo nasezeranye. Agakiza kava k’Uhoraho.


Rāba ku misozi ibirenge vy’ ūzanye inkuru nziza, akāmāmaza ivy’ amahoro! Buyuda we, ni witondere imisi mikuru yawe, ushitse amasezerano yawe: kuk’ umunyakibi atazosubira guca hagati muri wewe: arahenebereye rwose.


Arik’ umuntu w’ingunge aravumwe, afise isukurume mu mukuku wiwe yasezeranye kuyishikana, maz’ agashikanira Umwami Imana iyifise agasembga; kuko nd’Umwami ahambaye, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, kand’ izina ryanje riteye ubgoba mu banyamahanga.


bakagomba kumpa ibimazi, jewe Uhoraho, vyo gutōngōrwa n’umuriro bakūye mu masho canke mu mikuku, ar’ ivyo kwoswa, ar’ ivyo gushitsa isezerano, ar’ ivyo batanze bavyigombeye, cank’ ar’ ivyo ku misi mikuru yanyu yashinzwe, ngo bibe umubabge ummotera neza jewe Uhoraho,


Paulo amaray’ iyindi misi myinshi hanyuma y’ivyo, maz’ asezera bene Data, avudukayo ari mu bgato ngw aje i Siriya, Purisikila na Akwila bajana na we, amaze kwikemuriza i Kenkireya: kuko yari mw isezerano.


Arikw ibigiracumi vyo mu masaka yanyu n’ivya vino zanyu n’ivy’ amavuta yanyu ya elayo, n’iz’ uburiza bgo mu masho yanyu no mu mikuku yanyu, n’ico muzanye gushitsa isezerano ic’ ari co cose, n’ivyo muzotanga muvyigombeye, n’amashikanwa muzoba mumugereye, ivyo vyose ntimuze mubirīre i muhira.


Kand’ az’ abe ari ho mujana ibimazi vyanyu vyo kwoswa n’ibimazi vyanyu bindi, n’ibigiracumi vyanyu mutanga, n’amashikanwa yanyu mumugereye, n’ayo gushitsa amasezerano, n’ayo mutanga muvyigombeye, n’iz’ uburiza zo mu masho yanyu no mu mikuku yanyu;


Umusi ukurikira ayo masabato ndwi muze muwugire mukuru wo kuninahaza Uhoraho Imana yanyu, mu gutanga amashikanwa, muyatanze nk’uko muvyigombeye, nk’ukw azoba yarabahaye umugisha;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ