14 Umuntu ni yaramuka ariye ku kintu cejejwe atabizi, az’ akirihe, asubize umuherezi ikingana n’ico kintu cejejwe yariye, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco.
Arik’ uwagitanze, ni yagomba kucicungurira, akigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu caco, nk’ uko caciriwe.
Arik’ uwayirobanuye akayitanga, ni yagomba kuyicungurira, ayigerekeko n’ikingana n’ikigira gatanu cayo, nk’uko yaciriwe, ibone kuba iyiwe.
ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu akora icaha atabigize ibigirankana mu vyo jewe Uhoraho nabuzanije, hakagira ico akora muri vyo;