Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 22:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Arik’ umukobga w’umuherezi apfakaye canke yirukanywe, atagira umwana, akaba igisubiramuhira mu rugo kwa se, akamera nk’uko yahoze mu bgana bgiwe, we azorya ku vyo kurya vya se: arik’ ūtar’ uwo mu baherezi ntaz’ abiryeko.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 22:13
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Yuda abarira Tamari umukazana wiwe, ati Genda ube uragumye kwa so ur’ umupfakazi, ushitse ah’ umwana wanje Shela azokurira: kuko yivuganya, at’ Uyo na we ntahave apfa nka bene nyina. Tamari aragenda aguma kwa se.


Umucamateka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.


Uhoraho abarira Mose na Aroni, at’ Iri ni ryo bgirizwa ryo kuri Pasika: ntihaze hagire umunyamahanga arya ku vyayo;


Babirye, ar’ ivyatanzwe kubabera impongano, ngo binjizwe mur’ iryo bango, bezwe; arik’ ūtar’ umuherezi ntaz’ abiryeko, kukw ar’ ivyera.


Kandi ntimwarinze ivyera vyanje mwajejwe, arikw ahēra hanje mwahajeje abandi mu gishingo canyu.


Na ya nkoro yashikanishijwe kuzunguzwa, na ca gikenye c’ukuguru cagerewe abaherezi, mubirīre ahantu hadahumanye, mwe n’abahungu bawe n’abakobga bawe; kukw ari vyo wagerewe ngo bibe umuturi wawe, n’uw’ abahungu bawe, wo ku bimazi vy’ishimwe Abisirayeli bashikanye.


Ntihaze hagire ūtar’ uwo mu baherezi arya ku kintu cejejwe; umushitsi arāriye umuherezi, cank’ umucangero, ntaz’ arye ku kintu cejejwe.


Umukobga w’ umuherezi ni yābīrwa n’ūtar’ uwo mu baherezi ntaz’ arye ku vyejejwe vyashikanywe.


Ni yamara kuva mur’ urwo rugo, ashobora kwābīrwa n’uwundi.


Kur’ uwo musi nyene hār’ umuntu umwe wo mu basavyi ba Sauli yari yashībijwe ngw agume imbere y’Uhoraho, yitwa Dowegi w’Umunyedomu, yar’ umubgiriza w’abungere ba Sauli.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ