Umuntu ni yābīra umukobga na nyina, kizoba icaha gikomeye: az’ atabge mu muriro, ubgiwe na bo; kugira ngo ntihaze hagire icaha gikomeye kiba muri mwebge.
baze bamusohokane, bamujane ku muryango w’inzu ya se, abagabo bo mur’ ico gisagara cabo bamwicishe amabuye, kuko yakoze ikizira mu Bisirayeli, agasambanira kwa se: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.