8 Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.
Ndaheza ndasaba, nt’ Ewe Mana yanje, ubibuke kuko bāhumanije ubuherezi bo n’isezerano ry’ ubuherezi nyene n’iry’ Abalewi.
Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu, ubabgire biyeze uyu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo,
Nuko Mose aramanuka, ava kur’ uwo musozi, aja iy’ abantu bari, arababgira bariyeza, bamesura impuzu zabo.
Iyo myambaro yose uz’ uyambike Aroni mukurwawe, bo n’abana biwe, ubasukekw amavuta, ubashikirize iryo bango, ubarobanure, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.
Uku abe ari k’uzobagenza mu kubarobanura, ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi. Wābīre imasa y’umukangara n’impfizi z’intama zibiri zitagira agasembga,
ati Barira ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, uti Mube abera, kuk’ Uhoraho Imana yanyu na we ar’ uwera.
Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.
bigatuma babacumuza, bikabazanira gutsindwa, iyo hagize abarya ku vyejejwe vyabo: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.
Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa nshikaniwe jewe Uhoraho, zitōngōrwa n’umuriro.
Ni kuko mwashikanye ivyo kurya bihumanye ku gicaniro canje. Maze mukavuga, muti Twaguhumanishije iki? Ni kuko mwavuze yukw ameza y’Uhoraho ar’ igikēngēretse.
at’ Ugere Abisirayeli, ubabarire, ut’ Ibimazi vyiwe, ari zo mfungurwa ashikanirwa zitōngōrwa n’umuriro, z’umubabge umumotera neza, uti Muze muhore muvyitondera, mubimushikanire mu bihe vyavyo vyashinzwe.
mwebge mubgira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw isi, ng’ Urarogose, kuko navuze nti Nd’ Umwana w’Imana?
kandi nanje niyeza kubgabo, kugira ngo na bo babe bejejwe mu kuri.
Mugira ng’umuntu ntazoba akwiye guhanwa ibirushirije cane, asiribanze Umwana w’Imana, akiyumvira amaraso y’isezerano yamwejeje kw ar’ igihumane, agacokora Mpwemu w’ubuntu?
Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,