Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 21:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 21:6
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndababgira, nti Mwebge mur’ aberejwe Uhoraho, n’ibintu vy’ imbombovu na vyo nyene n’ ivyera, kand’ ayo mafeza n’amazahabu ni yo mashikanwa bashikaniye Uhoraho Imana ya ba sogokuruza bivuye ku mitima.


Kandi n’abaherezi na bo, basanzwe bīgira hafi yanje, jewe Uhoraho, ni biyeze, kugira ngo simbatsindeho.


Uheze ucure akabāte mw izahabu iramuye, ukandikeko mu buryo bgo guca amagarwe, nk’ uko baca amagarwe ku kabuyenge ko kudoma ikimenyetso, uti YEREJWE UHORAHO.


Nzokweza iryo hema ry’ibonaniro bo n’igicaniro; na Aroni n’abana biwe nzobeza, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.


Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; mwitunganye, yemwe abashorezi b’imbombovu z’Uhoraho.


ko mwinjije abanyamahanga batākebge mu mitima no ku mibiri ngo babe ahēra hanje, ngo bahumanye ingoro yanje, igihe mutanga ivyo kurya vyanje vy’ ibinure n’amaraso, maze bakica isezerano ryanje, bakongereza ku bizira vyanyu vyose.


Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.


Kandi ntihaze hagire ūtanga uwo mu bana biwe ngo yoserezwe Moleki kw ikimazi, ngw atukishe izina ryanje, Imana yiwe: nd’ Uhoraho.


Ntimuze murahire ibinyoma izina ryanje, bigatuma mutukisha izina ryanje, Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.


Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.


ati Barira Aroni, ut’ Umuntu wese azoba afise agasembga wo mu ruvyaro rwawe, ukw ibihe vy’ urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, ntaze yēgēre ngw ampēreze imfungurwa, jewe Imana yiwe.


ntihaze hagire umuntu n’umwe wo mu ruvyaro rwa Aroni azokwigera yīgira hafi afise agasembga, ngw ahēreze ibimazi vyanje, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro: kw azoba arikw agasembga, ntaze yigire hafi ngw ahēreze imfungurwa zanje, jewe Imana yiwe.


Mugabo ntaze yēgēre ca gihuzu gikingīra Ahēra cane, canke ngo yēgēre igicaniro, kukw azoba afise agasembga, kugira ngo yoye guhumanya ahēra hanje ah’ ari ho hose: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.


Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa nshikaniwe jewe Uhoraho, zitōngōrwa n’umuriro.


Abgira Kora n’abo bīfatanije bose, at’ Ejo mu gitondo Uhoraho azokwerekana abiwe ab’ ari bo, n’uwera uw’ ari we, amwiyegereze: uwo azotoranya, ni we azokwiyegereza.


at’ Ugere Abisirayeli, ubabarire, ut’ Ibimazi vyiwe, ari zo mfungurwa ashikanirwa zitōngōrwa n’umuriro, z’umubabge umumotera neza, uti Muze muhore muvyitondera, mubimushikanire mu bihe vyavyo vyashinzwe.


Ariko mweho mur’ ubgoko bgātoranijwe, mukoranije kuba abami n’abaherezi, mur’ ihanga ryera, abantu bāshiriweho kuba inyegu yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ry’Iyabahamagaye, ikabakūra mu mwiza, ikabashitsa mu muco wayo utangaje:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ