Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 21:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Abaherezi ntibaze bimoshe inkomvorera, canke ngo bacācūre imitwe y’ubganwa bgabo, canke ngo bikebagure ku mibiri.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 21:5
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umukobga w’i Diboni aradūze, aja mu bitabo kuririrayo; Abanyamowabu bariko baraborogera i Nebo n’i Medeba: imitwe yabo yose imowe inkomvorera, bo n’ubganwa bgose.


Kur’ uwo musi Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yahamagariye abantu kwiririra no kwiborogera no kwimosha inkomvorera no gukenyera amagunira:


Abakuru n’abato bazopfira mur’ iki gihugu: ntibazohambga, kand’ abantu ntibazobaborogera, canke ngo bikebagure, canke ngo babīmwēre ibimwerere:


Kukw imitwe yabo yose imowe inkomvorera, n’ ubganwa bgose bumowe; ku maboko yose har’ ibikebagure, no mu rukenyerero hose hakenyeye amagunira.


Kandi ntibakimoshe inkomvorera, canke ngo batereke umushatsi muremure, baze bīkatishe gusa.


Nuko mwana w’umuntu, wiyabīrire inkota y’ubuhwe, uyābīre bga rupfuhe, uyicīshe ku mutwe wawe no ku bganwa bgawe: uheze wiyabīrire umunzane wo kugeresha, ugabanye iyo mishatsi wimoye.


Mose abarira Aroni n’abana biwe Eleyazari na Itamari, ati Ntimuhamburure imishatsi yanyu, canke ngo mutantamure impuzu zanyu, kugira ngo ntimupfe, kand’ Uhoraho ntarakire ikoraniro ryose; ariko bene wanyu, ab’ inzu yose ya Isirayeli, abe ari bo baborogeshwa n’ umuriro Uhoraho arekuye.


Kw ar’ umukuru mw ihanga ryabo, ntaze yiyanduze ngo yiyonone.


Imisi mikuru yanyu nzoyihindura umuborogo, n’indirimbo zanyu zose zicike agacurantimba; kandi bose nzobakenyeza amagunira, imitwe yose imobge inkomvorera; kandi nzobatera umuborogo nk’uwo baborogera umwana w’umuhungu w’ ikinege, amaherezo yavyo abe umusi w’akabonge.


Imoshe inkomvorera, wiharanguze, kubg’ abana bawe wakunda; ongeranya ubuhanza bgawe, bube nk’ubg’ ikinyakabaka; kuko wabasahuwe, bakajanwa ar’ inyagano.


Mwebge mur’ abana b’ Uhoraho Imana yanyu: ntimukikebagure ku mibiri yanyu, canke ngo mwiharanguze ibimwerere mu bitwariro kubg’ ūpfuye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ