18 Umuntu wese afise agasembga ntaz’ anyīgire hafi: ar’ impumyi, ar’ ūcumbagira, ar’ ūfise izuru rihomberanye, ar’ ūfise urugingo rurutana n’urundi,
Abashibamyi biwe n’impumyi, bose nta co bazi; bose ni nk’imbga z’ibiyingiyingi, zitazi gukuga; bararavūta, bararyama, bakunda gusinzira.
ar’ ūvunitse ikirenge cank’ igikonjo,
Mwa mpumyi mwe, non’ igihambaye n’ikihe, n’ishikanwa, canke n’igicaniro ceza ishikanwa?
Kand’ akwiye gushingirwa intahe neza n’abo hanze, kugira ngo ntatembere mu mugayo no mu mutego wa wa Murwanizi.
Kuko hariho benshi b’ibiganda, cane‐cane n’abo mu bākebge, bavuga ibitagira ikimazi, n’inyosha mbi,
Kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene; kandi ntakwiye kuba ūdakūrwa kw ijambo, cank’ ūsugurirwa, cank’ umunywi wa vino, cank’ umusinzi, cank’ uwifuza inyungu mbi;