Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 21:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 canke ngo binamusohokane ngw ave Ahēra, canke ngw ahumanye Ahēra hanje Imana yiwe; kukw ibango yaheshejwe no kurobanuzwa amavuta yanje Imana yiwe riri kuri we: ni jewe Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 21:12
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uheze ucure akabāte mw izahabu iramuye, ukandikeko mu buryo bgo guca amagarwe, nk’ uko baca amagarwe ku kabuyenge ko kudoma ikimenyetso, uti YEREJWE UHORAHO.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


Kandi ntimutirimuke ngo muve ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ntimupfe: kukw amavuta y’Uhoraho mwarobanujwe akiri kuri mwebge; nuko babigenza nk’uko Mose avuze.


Kand’ uwo azokwābīra az’ abe inkumi yirongoreye.


Maze Mose yābīra kuri ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, no ku maraso yari ku gicaniro, abicucagira kuri Aroni no ku myambaro yiwe, no ku bana biwe no ku myambaro yabo; yeza Aroni n’imyambaro yiwe, n’abana biwe n’imyambaro yabo.


Imisi yose yo kunyiyegurira kwiwe ntaze yēgēre umuvyimba.


rivuga ivya Yesu Umunyanazareti, ingen’ Imana yamusutseko Mpwemu Yera n’ubushobozi, akagenda agirira abantu neza, agakiza abo bose wa Murwanizi atwaza amanyama, kukw Imana yari kumwe na we.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ