1 Uhoraho abarira Mose, ati Barira abaherezi bene Aroni, uti Ntihaze hagire umuherezi yiyandurisha ūpfuye wo mu bgoko bgabo;
Ntibakēgēre umuvyimba w’umuntu n’umwe kugira ngo ntibīhumanye; nta bandi bokwihumanisha shit’ abaye se canke nyina, cank’ umuhungu wiwe cank’ umukobga wiwe, canke mukuru we canke murumuna we, canke mushiki we atarābīrwa.
Ni mwumve ibi, yemwe baherezi, kandi mwumvirize namwe ab’ inzu ya Isirayeli, mutege amatwi yemwe ab’ inzu y’umwami, kuk’ urubanza ari mwebge rutsinze; kuko mwabereye i Misipa umutego, mukabera i Tabora ururiba rutezwe.
Ntimuze mwikebagure ku mibiri kubg’ ūpfuye; kandi ntimuze mwicishe imanzi n’imwe: ni jewe Uhoraho.
ntaze yinjirire ku muvyimba n’umwe, canke ngw awiyandurishe, n’iyo woba uwa se cank’ uwa nyina;
Nuko rero mwa baherezi mwe, iri bgirizwa ni mwebge ndaribgirije.
Ni ho muzomenyera kw ari jewe nabarungikiye iryo bgirizwa, kugira ngw isezerano nasezeranye na Lewi rimugumeko, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.
Ūzokora ku kiziga c’umuntu uw’ ari we wese azoba ahumanye kumara imisi ndwi:
Iki ni co cagezwe co ku muntu aguye i we mw ihema: umuntu wese azokwinjira mur’ iryo hema, n’ūzoba yari muri ryo wese, bazoba bahumanye kumara imisi ndwi.
Kand’ umuntu azoba ari ku gahinga, agakora ku kiziga c’ umuntu yishwe n’inkota, canke ku kindi kiziga cose, canke kw igufa ry’umuntu, canke ku mva, azoba ahumanye kumara imisi ndwi.
ati Barira Abisirayeli, bakūre aho mushagaje umunyamibembe n’ ūfise igisokoro n’ūhumanijwe no gukora ku muvyimba, uw’ ari we wese,
Imisi yose yo kunyiyegurira kwiwe ntaze yēgēre umuvyimba.