ati Kand’ uz’ ubarire Abisirayeli, uti Ntimuze mubure kuziririza amasabato yiwe; uti Kukw ari yo kimenyetso hagati yiwe namwe ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, kugira ngo mumenye kw ari we Uhoraho yama abeza.
Ariko bene Data bakundwa n’Umwami wacu, biradukwiye kwama tubashimira Imana, kuk’ uhereye mbere na mbere Imana yabatoranije ngo muronkere agakiza mu kwezwa na Mpwemu no mu kwizera ukuri.