Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 20:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kandi muze mwitondere amabgirizwa yanje, muyashitse: jewe Uhoraho ni jewe mbeza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 20:8
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

ati Kand’ uz’ ubarire Abisirayeli, uti Ntimuze mubure kuziririza amasabato yiwe; uti Kukw ari yo kimenyetso hagati yiwe namwe ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, kugira ngo mumenye kw ari we Uhoraho yama abeza.


Ikigeretseko, mbaha n’amasabato yanje, ngw abe ikimenyetso hagati yanje na bo, kugira ngo bamenye yukw ari jewe Uhoraho mbeza.


Maz’ amahanga azomenya yukw ari jewe Uhoraho nēza Abisirayeli, igihe ahēra hanje hazoba hagati muri bo gushitsa ibihe bitazoshira.


Muze mwitondere ivyagezwe vyanje. Ntihaze hagire ūbangurira ivy’ atunze ivyo bidahwanije ubgoko; canke ngo hagire ūsukiranya imbuto z’imiryango ibiri mu ndimiro yiwe; canke ngo hagire uwambara impuzu ijishwe mu nyuzi z’ubgoko bubiri.


Nuko muze mwitondere amabgirizwa yanje yose, n’ivyagezwe vyanje vyose, mubishitse: ni jewe Uhoraho.


Kandi muze mumbere abera, kuko jewe Uhoraho nd’ uwera, kandi nabatandukanije n’ayandi mahanga ngo mube abanje.


Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.


Ntimuze mutukishe izina ryanje ryera, ariko nze name mboneka nd’Uwera hagati mu Bisirayeli: ni jewe Uhoraho ndabeza,


Kuk’ umuntu wese akora ivyo Data wo mw ijuru agomba ari we murumunanje na mushikanje na mama.


Mwa bipfu n’impumyi mwe, non’ igihambaye n’ikihe: n’izahabu canke n’urusengero rweza izahabu?


Nuk’ ūzorenga ibgirizwa na rimwe ryo mu yoroshe hanyuma y’ayandi, akigisha abantu ngo bagire bartyo, mu bgami bgo mw ijuru azokwitwa muto hanyuma y’abandi. Arik’ ūyitondera, akayigisha, uyo we azokwitwa mukuru mu bgami bgo mw ijuru.


Uwumva ayo majambo yanje wese, akayakora, asa n’umuntu w’ubgenge yubatse inzu yiwe ku rutare.


Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.


Ni yo ibaha kuba muri Kristo Yesu, yaduhindukiye ubgenge buva ku Mana, n’ukugororoka n’ukwezwa n’ugucungurwa:


Kand’ Imana Nyen’ amahoro ibe ari yo ibeza rwose: kand’ impwemu yanyu n’ubugingo n’umubiri vyose hamwe bizigamwe, ngo bize bisangwe bitagira umugayo, ah’ Umwami wacu Yesu Kristo azozira.


Ariko bene Data bakundwa n’Umwami wacu, biradukwiye kwama tubashimira Imana, kuk’ uhereye mbere na mbere Imana yabatoranije ngo muronkere agakiza mu kwezwa na Mpwemu no mu kwizera ukuri.


Kandi mube abakora ivy’ iryo jambo, ntimube abaryumva gusa, mwibesha.


Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ