7 Nuko mwiyeze, mube abera, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.
Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi.
Kukw ari jewe Uhoraho nabadūganye mbakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: nuko rero mube abera, kuko nanje nd’ uwera.
ati Barira ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, uti Mube abera, kuk’ Uhoraho Imana yanyu na we ar’ uwera.
kugira ngo ntaz’ atume uruvyaro rwiwe ruhinduka uruhumanye mu bgoko bgabo: kukw ari jewe Uhoraho ndamweza.
Mugabo ntaze yēgēre ca gihuzu gikingīra Ahēra cane, canke ngo yēgēre igicaniro, kukw azoba afise agasembga, kugira ngo yoye guhumanya ahēra hanje ah’ ari ho hose: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.
Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.
nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.
Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,
Ico Imana igomba, n’ukwezwa kwanyu, ko mwirinda ubushakanyi;
Kukw Imana itāduhamagariye guhumana, ariko yaduhamagariye kwezwa.
Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ ūtejejwe atazorāba Umwami;
Ariko Yosuwa abarira abantu, ati Ntimuzobishobora kugendanira Uhoraho, kukw ar’ Imana yera kand’ ar’ Imana ifūha; ntizoharira ibicumuro vyanyu cank’ ivyaha vyanyu.
Maze Yosuwa abarira abantu, ati Ni mwiyeze, kukw ejo Uhoraho azokora ibitangaza muri mwebge.