Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 20:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Umuntu yirukira abahamagara imizimu n’abamenyi, akaja kubaraguza, akabahurumbira nk’ ikimaka; nzohoza igitsūre canje kuri we, ndamurandure mu bgoko bgabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 20:6
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw abakuja kure bazoranduka; Wahoneje abakuretse bose bagacika ibimaka.


Ariko se ni yanka kumumushingira, na ho nyene atange inkwano nk’uko bahora bakwa abandi bigeme.


Kandi ni bababgira, ngo Ni mubaze abahamagara imizimu, mubaze n’abamenyi bajwigira bongorera: mbeg’ ikibereye abantu ntibāri bakwiye kubaza Imana yabo? Mbeg’ ivy’ abariho vyobazwa abapfuye?


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe rāba, mbatungiriye igitsure ngo mbazanekw ivyago, ngo mperengeteze i Buyuda hose.


Kand’ abazoba baracitse bo muri mwebge bazonyibuka bari mu mahanga, aho bazoba barajanywe ar’ inyagano, bamenye ingene nashābijwe n’imitima yabo yabaye ibimaka ikamvako, kandi ko nashābijwe n’amaso yabo y’ubumaka bagenda banyuririza ku bigirwamana vyabo: baheze biyanke urunuka kubg’ ibibi bakoze n’ ibizira vyabo vyose.


Abantu banje bagisha inama igiti gusa, kand’ inkoni yabo ni yo ibaragurira; impwemu y’ubumaka yarabajimije, bagenda ata co barenga, bātaye Imana yabo.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Ntimuze mugire ikintu murya kikirimw’ amaraso yaco: ntimuze mutere amabara, canke ngo mupfumuze.


Ntimuze muhindukirire abahamagara imizimu cank’ abamenyi: ntimuze muje kubabaza, bagahava babahumanya: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Umugabo cank’ umugore bahamagara imizimu, canke bakaba abamenyi, ntibaze babure kwicwa: baze babicishe amabuye; amaraso yabo ni bo azokora.


jewe ubganje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, no ku muryango wiwe, ndabarandurane mu bgoko bgabo n’abābīgānye mur’ ubgo bumaka bgo guhurumbira Moleki.


Ubgo buyonga, uko mubukubisekw ijisho, muzokwama mwibuka ivyagezwe vyanje vyose, jewe Uhoraho, muvyitondere; kugira ngo mwoye gukurikira ivyo imitima yanyu n’amaso yanyu vyifuza, ivyo mwakunda guhurumbira bikabahindura ibimaka;


Bukeye tugiye aho basengera, duhūra n’umwigeme arimwo dayimoni aragura, yar’ atungishije ba shebuja cane kubg’ iyo ndagu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ