Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 20:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 jewe ubganje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, no ku muryango wiwe, ndabarandurane mu bgoko bgabo n’abābīgānye mur’ ubgo bumaka bgo guhurumbira Moleki.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 20:5
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Yehoramu ataba ibitabo ku mpinga z’imisozi y’i Buyuda, akwegera ababa i Yerusalemu ngo bahurumbire mu bumaka, azimiza Abayuda.


Uko ni ko bandujwe n’ ibikorwa vyabo, Bagenda bahurumba nk’ ibimaka mu ngeso zabo.


ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’ Imana ifuha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,


Unamurira amaso ku mpinga mu ruharabuga, witegereze: mbeg’ aho batāryamanye nawe ni hehe? Wabategeye ku mayira, nk’uk’ Umwarabo ategera mu bugaragwa; wononesheje igihugu ubusambanyi bgawe n’ivyaha vyawe.


Nzobaha umutima umwe no kujana inzira imwe, kugira ngo bahore banyubaha gushitsa ibihe vyose; ngo bahave baroranirwe, bo n’ abana babo bazoba babasubiriye mu gishingo.


Nuko rero, uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli, at’ Ehe rāba, mbatungiriye igitsure ngo mbazanekw ivyago, ngo mperengeteze i Buyuda hose.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


nyina akaba yarīhinduye maraya, uwabavyaye akaba yarakoze ibiteye isoni: kuko yavuze, ati Ndikurikirira abūzure banje, bampa ivyo ndya n’ivyo nnywa, bakampa ubgoya bg’intama n’ipampa, bo n’amavuta n’ibinyobga.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Ntibaze bapfe basubiye gukererera ibisigo vy’amapfizi y’impene ibimazi vyabo, ari vyo bahurumbira nk’ ibimaka. Ico kize kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Arikw abantu bo mur’ ico gihugu ni birengagiza uwo muntu yashikaniye Moleki uwo mu bana biwe, ntibamwice;


Umuntu yirukira abahamagara imizimu n’abamenyi, akaja kubaraguza, akabahurumbira nk’ ikimaka; nzohoza igitsūre canje kuri we, ndamurandure mu bgoko bgabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ