Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 20:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Barira Abisirayeli, uti Ni hagira umuntu uw’ari we wese, ar’ uwo muri mwebge Abisirayeli canke w’umunyamahanga aba muri mwebge, azoshikanira Moleki uwo mu bana biwe, ntaz’ abure kwicwa; abo mur’ ico gihugu baze bamwicishe amabuye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 20:2
33 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bukeye Salomo ataba ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu igitabo ca Kemoshi, ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, bo n’ica Moleki, ca kizira c’ubuyobe c’Abamoni.


bagatanga abana babo b’abahungu n’abakobga kw ibimazi ngo boserezwe mu muriro, bakaragura bagapfumura, bakitanga gukora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, bakamutera umwikomo.


Kand’ ahumanya n’i Tofeti mu mwonga wa bene Hinomu, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe ahatangira umwana wiwe kw ikimazi, ar’ umuhungu cank’ umukobga, ngo yoserezwe Moleki mu muriro.


Ikigeretseko, yosereza imibavu mu mwonga wa mwene Hinomu, atanga n’abana biwe kw ibimazi ngo boserezwe mu muriro, nk’ ukw ibizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga vyari bimeze, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.


Atanga abana biwe kw ibimazi ngo boswe mu muriro mu mwonga wa mwene Hinomu, agapfumuza, agatera amabara, agakoresha uburozi, akaja kuraguza abahamagara imizimu, n’abamenyi; yakora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo.


Bavisha amaraso y’aberanda, ni yo maraso y’abahungu babo n’ay’ abakobga babo, Abo batanze kw ibimazi babaha ibigirwamana vy’i Kanani, Igihugu gihumanywa n’amaraso.


Kandi bātabiye ibitabo Bayali, ni vyo biri mu mwonga wa mwene Hinomu, bagatanga abana babo b’abahungu n’abakobga kw ibimazi ngo boserezwe Moleki; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje, ko bokora ivyo bizira, bagacumuza Abayuda.


Batavye ibitabo i Tofeti, ahahanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ngo bahosereze abahungu babo n’abakobga babo mu muriro, babatanze kw ibimazi; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje.


kandi mbahumanisha amashikanwa yabo ubgabo, kuko bātanze imfura zabo zose kw ibimazi ngo zoswe mu muriro, kugira ngo ndabajonjogoze, baruhe bamenye yuko jewe nd’ Uhoraho.


Kand’ iyo mushikana amashikanwa, mugatanga abana banyu kw ibimazi ngo boswe mu muriro, ntimuba mwihumanishije ivyo bigirwamana vyanyu vyose, gushitsa na bugingo n’ubu? None noshobora nte ko mwogira ico munsiguza, ga mwebge ab’ inzu ya Isirayeli? Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nkazogira ico nsiguzwa namwe.


Kuko basambanye, kand’ amaraso bavishije ari ku ntoke zabo; basambanye n’ibigirwamana vyabo; kandi n’abahungu babo bamvyariye babatanze kw ibimazi ngo boswe mu muriro, babashikaniye ivyo bigirwamana ngo bibarye.


Kuko bamaze kwica abana babo, babashikaniye ibigirwamana vyabo, kur’ uwo musi nyene baca baza ahēra hanje kuhahumanya: mber’ uko ni ko bakoze mu ngoro yanje.


Kand’ umuntu wese wo mu Bisirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azogira ico afata ari guhīga, ar’ igikōko, ar’ igisīga, cank’ inyoni, mu vyemerwa kuribga, amaraso yaco az’ ayareke amiminukire hasi, ayarenzekw ivu.


Kand’ umuntu wese azorya icipfiriye cank’ ikirangara, ar’ imvukira cank’ umunyamahanga, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ni h’azoba ahumanutse.


Kand’ ubabarire, ut’ Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azotanga ikimazi co kwoswa cank’ ikimazi kindi,


Kandi ntihaze hagire ūtanga uwo mu bana biwe ngo yoserezwe Moleki kw ikimazi, ngw atukishe izina ryanje, Imana yiwe: nd’ Uhoraho.


Umugabo cank’ umugore bahamagara imizimu, canke bakaba abamenyi, ntibaze babure kwicwa: baze babicishe amabuye; amaraso yabo ni bo azokora.


ati Jana uwatukanye inyuma y’aho mushagaje, abamwumvise bose aho yatukana bashire ibiganza vyabo ku mutwe wiwe: ikoraniro ryose rimwicishe amabuye.


Kand’ ūzorogota kw izina ryanje, jewe Uhoraho, ntaz’ abure kwicwa: ikoraniro ryose rize rimwicishe amabuye: yaba umunyamahanga ari muri mwebge cank’ imvukira azorogota kw izina ryanje, aze yicwe.


Nuko Mose abarira Abisirayeli, bajana uwatukanye inyuma y’aho bashagaje, bamwicisha amabuye. Abisirayeli bakora nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


Mwareruye ihema rya Moloki, N’inyenyeri y’ikigirwamana Refani, Ar’ ibishushanyo mwironkeye ngo mubisenge: Nanje nzobambukana hirya y’i Babuloni.


Ntimuze musenge Uhoraho Imana yanyu ubgo buryo bgabo: kukw ikintu cose c’ubuyobe imbere y’Uhoraho, ico yanka urunuka, ari co basabisha imana zabo; mbere n’abahungu babo n’abakobga babo babosereza izo mana zabo kw ibimazi.


Muri mwebge, mu bisagara vyanyu vyose Uhoraho Imana yanyu azoba yābahaye, ni haboneka umugabo cank’ umugore akora ico Uhoraho Imana yanyu abona kw ari kibi, co kuva mw isezerano ryiwe,


Muri mwebge ntihaze haboneke umuntu atanga umwana wiwe kw ikimazi, ar’ uw’ umuhungu canke w’umukobga, ngo yoswe mu muriro, canke ngo haboneke ūragura, cank’ ūtera amabara, cank’ umupfumu, cank’ umurozi,


Abagabo bose bo mu gisagara cabo baze bamwicishe amabuye: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge; Abisirayeli bose bazovyumva batinye.


baze bamusohokane, bamujane ku muryango w’inzu ya se, abagabo bo mur’ ico gisagara cabo bamwicishe amabuye, kuko yakoze ikizira mu Bisirayeli, agasambanira kwa se: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ