16 Kand’ umugore cank’ umukobga ni yegera igitungano, akaryamana na co, muze mumwicane na co: ntibize bibure kwicwa: amaraso yavyo ni vyo azokora.
Ntihaze hagire ūmukozak’ ukuboko, ariko bamwicishe amabuye, canke bamurase imyampi; naho coba igitungwa kiwukozeko, cank’ umuntu, ivyo ntibize bisubire kubaho. Arikw inzamba ni yaramuka irandishije ijwi, ni ho bazobona gushika kur’ uyu musozi.
Ni hagira inka yica umugabo cank’ umugore, agashika, iyo nka ntiz’ ibure kwicishwa amabuye, kandi ntiz’ iribge; ariko nyene yo ntaz’ ashirwe mu rukinja.
Arikw inka ni yica umugurano cank’ umuguranokazi, nyene yo az’ arihe shebuja w’uno shekeli z’ifeza mirongwitatu, iyo nka na yo ize yicishwe amabuye.
Ūzoryamana n’igitungano ntaz’ abure kwicwa.
Ntihaze hagire ūryamana n’igitungano ic’ ari co cose, ngw aciyandurishe; kandi ntihaze hagire umugore cank’ umukobga ahagarara imbere y’igitungano ngw aryamane na co: ivyo vyoba ar’ukuvanga ibidahwanye.
Umuntu ni yaryamana n’igitungano, ntaz’ abure kwicwa; na nya gitungano na co mucice.
Umuntu ni yenda mushiki we, basangiye se canke nyina, bakarābana ubgambure, kizoba ar’ igihemu giteye isoni: baze barandurirwe mu maso y’ab’ ubgoko bgabo: uyo, kw azoba yambitse ubusa mushiki we, azogībgako n’ukugabitanya kwiwe.
kuko batābashije ivyagezwe, ngo Naho coba igitungwa gikoze kur’ uwo musozi bacicishe amabuye.