Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 2:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kand’ ishikanwa ryanyu ni ryaba iry’ ivyakaranzwe ku cuma vyakozwe mw ifu, bize bibe ivyakozwe mw īgogōretse, ata mwambiro, vyacumbanywe n’amavuta ya elayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 2:5
5 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mubicemw’ utumanyu, mudusukekw amavuta ya elayo: iryo rizoba ribaye ishikanwa ryo mw ifu.


Baze bayivangire n’amavuta ya elayo ku cuma gikaranga; ni yamara guhwana, bayizane; baze batange iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu ar’ utumanyagu dukaranze, ngo ribe umubabge ummotera neza.


Ni yagitanga kubgo gukenguruka, ico kimazi co gukenguruka az’ agitangane n’udutsima tutambiwe twacumbanywe n’amavuta ya elayo, bo n’utundi dutsima tubēhūye, tutambiwe nyene, twasutswekw amavuta, n’utundi nyene twacumbanywe n’amavuta, twacumbge mw ifu igogōretse ivangishijwe amavuta ngw ihwane.


Ishikanwa ryose ry’ivyakozwe mw ifu vyokejwe mu ziko, n’ibindi vyose vyakozwe mw ifu bikaranganywe n’amavuta, bo n’ivyataraguwe ku cuma gikaranga, bizoba ivy’ umuherezi abihereje.


Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ