Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 2:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Aheze ayizanire bene Aroni abaherezi; akamate urushi rumwe kur’ iyo fu n’ayo mavuta, akūraneko n’iyo mibavu yose; umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe icibutso c’iryo shikanwa, bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 2:2
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ibi uz’ ubinzirikaneko, ntuz’ uhanagure ibikorwa vy’ urukundo nakoreye ingoro yawe, Mana yanje, n’ivyo nakoze vyo gufasha ibihakorerwa.


Ndaheza mbgira Abalewi ngo biyeze, babone kuza gushibama ku marembo, kugira ngo batume umusi w’isabato uziririzwa. Ndaheza ndasaba, nti Mana yanje, n’ibi na vyo uz’ ubinzirikaneko, umpangaze nk’ukw imbabazi zawe nyinshi zingana.


Nuk’ uze wake Abisirayeli ayo mahera y’ impongano, uyakoreshe ibikorwa vy’ihema ry’ibonaniro, abere Abisirayeli icibutso kizotuma mpora mbibuka, abe impongano y’ubugingo bgabo.


Ūkerera inka, ahwanye n’uwica umuntu; ūtanga umwagazi w’ intama kw ikimazi, ahwanye n’ ūvuna imbga izosi; ūshikana ishikanwa ry’amafu, ahwanye n’ ūzanye amaraso y’ingurube; uwosa imibavu, ahwanye n’ūhezagira ikigirwamana. N’ukuri koko bitoranirije inzira zabo ubgabo, imitima yabo ihimbarwa n’ ibizira vyabo vy’ubuyobe.


arikw amara n’ibikenye vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi abihereze vyose, avyosereze kur’ ico gicaniro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Aheze afate amababa yaco agitānye, ariko ntacahukanye: maz’ uwo muherezi acosereze ku gicaniro, akigeretse ku nkwi ziri ku muriro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


arikw amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi avyosereze vyose ku gicaniro, bibe ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Umuherezi aheze akūre kuri ryo ikizoba icibutso caryo, acōse, ni co gace k’ico gihonde c’impeke, n’ak’ ayo mavuta yazo, bo n’iyo mibavu yazo yose; iryo rizoba ishikanwa nshikaniwe jewe Uhoraho ritōngōrwa n’umuriro.


Umuherezi aheze akamate kur’ iryo shikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu, ikizoba icibutso caryo, acosereze ku gicaniro, kibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Ku kirundo kimwe ugerekekw imibavu itunganye, ku kindi kuno, ibe icibutso kur’ iyo mitsima, ishikanwa nshikaniwe ryo gutōngōrwa n’umuriro.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Ariko ni yaba atoshobora kuronka n’izo ntunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, az’ azane ishikanwa ry’icaha yakoze, ry’ikigiracumi c’ingero yitwa efa y’ifu igogōretse: ariko ntaz’ ayisukekw amavuta, canke ngw ayishirekw imibavu, kukw ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Aheze ayizanire umuherezi, na we ayikamatek’ urushi rumwe rwo kuba icibutso cayo, ayosereze ku gicaniro, ayishize ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’ umuriro: kizoba ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha.


Umuherezi aheze akamate urushi rumwe kur’ iyo fu igogōretse y’iryo shikanwa, no ku mavuta yo kuri yo, n’imibavu yose igeretse kur’ iryo shikanwa ry’ifu, avyosereze ku gicaniro kuba umubabge umota neza, bimbere icibutso caryo.


Ashire uwo mugore imbere yanje, amuhamburure umushatsi, amutereke mu maboko rya shikanwa ry’ifu ry’icibutso, ari ryo shikanwa rizanywe kubg’ ifūhe. Uwo muherezi afate mu ntoke ayo mazi y’umururazi atera umuvumo.


arikamatek’ urushi rumwe rwo kuba icibutso caryo, arwosereze ku gicaniro, abone kunywesha uwo mugore ayo mazi.


Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ