Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 2:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Umuherezi aheze akūre kuri ryo ikizoba icibutso caryo, acōse, ni co gace k’ico gihonde c’impeke, n’ak’ ayo mavuta yazo, bo n’iyo mibavu yazo yose; iryo rizoba ishikanwa nshikaniwe jewe Uhoraho ritōngōrwa n’umuriro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 2:16
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ugusenga kwanje gushirwe imbere yawe nk’imibavu, N’amaboko yanje kuyatarika kube nk’ikimazi co ku mugoroba.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


arikw amara yayo n’ibikenye vyayo vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi avyosereze vyose ku gicaniro, bibe ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Ivyo mushobora kubinshikanira nk’ishikanwa ry’umushuzo, ariko ntibize bishirwe ku gicaniro kuba nk’umubabge umota neza.


Kandi ni mwanshikanira ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu ivuye mu vy’umushuzo, rize ribe iry’ igihonde c’impeke mbisi, zivuye mu mishi ikigenywa, zikaranze.


Mugisukekw amavuta ya elayo, mukigerekeko n’imibavu: iryo rizoba ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu.


Umuherezi aheze akamate kur’ iryo shikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu, ikizoba icibutso caryo, acosereze ku gicaniro, kibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Kristo mu misi yabaye mu mubiri, amaze kwinginga no gusenga cane iyashoboye kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kand’ amaze kwumvirwa kubgo kuyubaha kwiwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ