Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 2:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kand’ ishikanwa ryose ry’ivyakozwe mw ifu muzoshikana muze mubirunge umunyu; ntimuze mugire ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu mushikana ritarimw’ umunyu, kand’ ari wo kimenyetso c’isezerano ryanje, Imana yanyu: ivyo muzotanga vyose muze mubitangane n’umunyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 2:13
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

mbega ntimwari mukwiye kumenya yuk’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli yahaye Dawidi n’abahungu biwe ubgami, ngo baze baganze Abisirayeli kuzoshitsa ibihe bidashira, abisezeranishije isezerano ritazohinduka?


bikagarukira kw italanto z’ ifeza ijana, n’ingero zitwa koro z’ingano ijana, n’imibindi ya vino ijana, n’imibindi y’amavuta ijana nyene, n’umunyu utarinze kugerwa.


ubitunganye bihinduke imibavu nk’ iyakozwe n’abahinga babimogoreye, irunzwe umunyu, itarobetse ikindi, yejejwe.


Uheze uvyigize hafi imbere y’Uhoraho, abaherezi babimemerek’ umunyu, babitangekw ibimazi vyoserezwa Uhoraho.


Amashikanwa yose ngerewe yo mu vyera, ayo Abisirayeli bazonshikanira jewe Uhoraho, ndayaguhaye, mwe n’abahungu bawe n’ abakobga bawe, abe umuturi wanyu w’intahava. Iryo n’isezerano ritazohinduka imbere yanje kugeza ibihe bidashira, usezeraniwe, mwe n’uruvyaro rwawe.


Mur’ umunyu w’isi. Arik’ umunyu, iy’ ushize uburyohe, uba ukiryoshwa n’iki? Nta co uba ukimaze atar’ ugutabga hanze ugakandagirwa n’abantu.


Imvugo zanyu zamane ubuntu bg’Imana, zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ