Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 2:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ntihaze hagire ishikanwa ryakozwe mw ifu munshikanira ryacumbanywe n’umwambiro: kuko mudakwiye kugira umwambiro cank’ ubūki mwosa ngo bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro munshikaniye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 2:11
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amaraso y’ikimazi nshikaniwe ntimuze muyahēreze hamwe n’ imitsima yambiwe; ibinure vy’ icābāzwe ku musi wanje mukuru ntibize birāre ngo bishitse mu gatondo.


Uheze ubikūre ku mashi yabo, uvyosereze ku gicaniro, ubigeretse kuri ca kimazi coshejwe, bibe umubabge umota neza imbere yanje, jewe Uhoraho: ico kizoba ar’ ikimazi nshikaniwe gitōngōwe n’umuriro.


Amaraso y’ikimazi mpawe ntimuze muyahēreze hamwe n’imitsima yambiwe; ikimazi gitanzwe ku musi mukuru wa Pasika ntikize kirāre ngo gishitse mu gitondo.


Mwana wanje, uz’ urye ubūki, kukw ari bgiza, N’ikigigu kikuryohera mu kanwa.


Ni warenguka ku būki, urye ubukumaze akaruru, Woye kubguzuza inda, bukakudaha.


Si vyiza kurya ubūki bginshi cane: Kandi kwironderera icubahiro s’icubahiro.


arikw amara n’ibikenye vy’amaguru abanze abironge mu mazi; maz’ umuherezi abihereze vyose, avyosereze kur’ ico gicaniro. Kizoba ar’ ikimazi coshejwe, ikimazi gitōngōwe n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Maz’ umuherezi yambare wa mwambaro wiwe wera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; aheze ayore umunyota w’ ikimazi coshejwe, ic’ umuriro watōngōreye ku gicaniro, awufashe i ruhande y’igicaniro.


Yesu arababgira, ati Mumenye, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’Abasadukayo.


Arabihanikiriza, ati Mumenye, mwirinde umwambiro w’Abafarisayo n’umwambiro wa Herode.


Mur’ ico gihe, ishengero ry’abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahēra ku bigishwa biwe, arababarira, ati Mwirinde umwambiro w’Abafarisayo, ni wo buryarya.


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


baremesha imitima y’abigishwa, babahanūra ngo bagume mu kwizera: kandi yuko dukwiye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bgami bg’Imana.


kugira ngw amare imisi isigaye akiri mu mubiri atagikorera ivyifuzo vy’abantu, arikw akora ivy’ Imana igomba.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ