Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ivyakozwe mw ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ umugabane wera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa jewe Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 2:10
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi Kore, mwene Imuna Umulewi, umukumirizi w’irembo ry’i burasirazuba, ni we yar’ ajejwe amashikanwa bashikaniye Imana bavyigombeye, agatanga imigabane ku mashikanwa y’Uhoraho no ku bintu vyera cane.


Umucamateka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.


Baze barye kw ishikanwa ry’amafu, no ku kimazi gitangirwa ivyaha, no ku kimazi c’impongano; kand’ ikintu cose kirobanurirwa Imana mu Bisirayeli kize kibe icabo.


Arambarira, at’ Aha ni ho abaherezi bazoteka ibimazi vy’impongano n’ibimazi bitangirwa ivyaha, kandi ni ho bazokaranga amashikanwa y’amafu; kugira ngo boye kubijana mu ntangaro, bakavyezesha abantu.


Mose abarira Aroni n’abana biwe basigaye, Eleyazari na Itamari, ati Ni mujane ivyasigaye kuri rya shikanwa ry’ifu ryo mu mashikanwa yashikaniwe Uhoraho agatōngōrwa n’umuriro, mubirīre i ruhande y’igicaniro bitarimw’ umwambiro: kukw ar’ ivyera cane.


akererere iyo suguru y’intama aho bakererera ikimazi co gutangirwa ivyaha bo n’ikimazi co kwoswa, ahantu hēra: nk’ukw ikimazi co gutangirwa ivyaha ar’ umuturi w’umuherezi, ni ko n’ ikimazi c’impongano kiri: n’icera cane.


Ibisigaye kur’ iryo shikanwa ry’ifu bize bibe ivya Aroni n’abana biwe: kizoba ar’ ikintu cera cane mu mashikanwa atōngōrwa n’umuriro nshikanirwa, jewe Uhoraho.


Ashobora kurya ku mfungurwa zanje, Imana yiwe, ari ku zera cane, canke ku zera zindi.


Nuk’ uwo muherezi azoba amuhongeye ku caha yakoze ic’ ari co cose muri vya bindi bidōnzwe, na we azoharirwa: ifu isigaye iz’ ibe iy’ umuherezi, nk’uko bisanzwe biba kw ishikanwa rindi ry’amafu.


Ibisigaye kuri vyo Aroni n’abana biwe babirye, babirye bitambiwe, babirīre ahantu hēra, mu rugo rw’ihema ry’ibonaniro abe ari ho babirīra.


Ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu umuherezi azotanga, rize rishe ryose, ritōngōke: ntirize riribge na mba.


ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi coswa: kize gihore kiba ku nkwi zaco ku gicaniro, kirāreho buce: umuriro wo ku gicaniro uze wame waka.


Nk’uko bigenzwa ku kimazi gitangirwa ivyaha, ni ko bigenzwa no ku kimazi c’impongano: icagezwe cavyo ni kimwe: umuherezi ahereje iyo mpongano, ni we kizoba iciwe.


Ibi ni vyo bizoba ivyawe vyo mu vyera cane bitar’ ivyo kwosa ku muriro: ishikanwa ryabo ryose bazonshikanira, ar’iry’ amafu, ar’ ikimazi gitangiwe ivyaha, ar’ impongano, bizoba ar’ ivyera cane, bibe ivyawe n’abana bawe.


Ngo Ntiyamutoranije mu miryango yose y’Abisirayeli, ngw abe umuherezi wiwe, aje ku gicaniro ciwe, yose imibavu, yambare efodi imbere yiwe? Ngo Kandi ntiyahaye inzu ya sogokuruza ibimazi vyose Abisirayeli batanga vyo gutongorwa n’umuriro?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ