Baze barye kw ishikanwa ry’amafu, no ku kimazi gitangirwa ivyaha, no ku kimazi c’impongano; kand’ ikintu cose kirobanurirwa Imana mu Bisirayeli kize kibe icabo.
Arambarira, at’ Aha ni ho abaherezi bazoteka ibimazi vy’impongano n’ibimazi bitangirwa ivyaha, kandi ni ho bazokaranga amashikanwa y’amafu; kugira ngo boye kubijana mu ntangaro, bakavyezesha abantu.
ati Barira Aroni n’abana biwe, ut’ Iki ni co cagezwe ku vy’ikimazi coswa: kize gihore kiba ku nkwi zaco ku gicaniro, kirāreho buce: umuriro wo ku gicaniro uze wame waka.
Nk’uko bigenzwa ku kimazi gitangirwa ivyaha, ni ko bigenzwa no ku kimazi c’impongano: icagezwe cavyo ni kimwe: umuherezi ahereje iyo mpongano, ni we kizoba iciwe.