8 kand’ ūkiriyeko wese azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe, kukw aba atukishije icera canje: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
Umuntu wese azovanga āhwanye na yo, canke ngw ayasuke k’ūtar’ umuherezi, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.
Kandi ni caribgako na gatoya ku musi ugira gatatu, kizoba ar’ ikizira: ntikizokwemerwa;
Kandi ni mwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, ntimuze muherengeteze rwose kwimbura ivyo ku mibari y’imirima yanyu, kandi ntimuze muhumbe uduhumbga twose iyo muriko murashwābūra.
Kand’ abaherezi ntibaze bahumanye ivyejejwe Abisirayeli banshikaniye,
Ni babarahiza mw ikoraniro, umuntu akavyumva, agaheza agakora icaha co guhora ico yabonye n’ico azi, azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe.
Arik’ ūzorya ku nyama z’ico kimazi c’ishimwe, agihumanye, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
Kand’ umuntu wese azokora ku kintu gihumanya ic’ ari co cose, ar’ igiherereye ku muntu, cank’ ar’ igitunzwe gihumanya, cank’ ar’ ikindi cose c’ikizira gihumanya, agaheza akarya ku nyama z’ikimazi c’ishimwe, kand’ ar’ icanje jewe Uhoraho, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.