Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 19:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kandi ni caribgako na gatoya ku musi ugira gatatu, kizoba ar’ ikizira: ntikizokwemerwa;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 19:7
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ntimukongere kunshikanira amashikanwa atagira ikimazi: imibavu n’igisesema kuri jewe; imboneko z’amezi n’amasabato no gukoranya ibikorane — eka sinshobora kwihanganira amakoraniro y’agahebuza avanze n’ibigabitanyo!


bakicara hagati y’imva, bakarāra mu bitabo ahihishije; bakarya inyama z’ingurube, kandi mu nzavya zabo hakabamw’ umufa w’inyama z’ibizira;


Ūkerera inka, ahwanye n’uwica umuntu; ūtanga umwagazi w’ intama kw ikimazi, ahwanye n’ ūvuna imbga izosi; ūshikana ishikanwa ry’amafu, ahwanye n’ ūzanye amaraso y’ingurube; uwosa imibavu, ahwanye n’ūhezagira ikigirwamana. N’ukuri koko bitoranirije inzira zabo ubgabo, imitima yabo ihimbarwa n’ ibizira vyabo vy’ubuyobe.


Ariko nzobanza kubahōra ibigabitanyo vyabo n’ivyaha vyabo ibihetangabo kabiri, kuko bāndurishije igihugu canje imivyimba y’ibimazi vyabo biteye ishishi, bakuzuza ishamvu yanje bga buyobe bgabo.


Umusi mugitanzeko abe ari wo kirīrwako nyene, bo na bukeye bgaho; ariko ni hagira ikizoshitsa ku musi ugira gatatu, kize giturirwe.


kand’ ūkiriyeko wese azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe, kukw aba atukishije icera canje: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Ishuri cank’ umwana w’intama, hagize igifise urugingo rutareha n’izindi, umuntu aremererwa kugitanga kw ishikanwa ashikanye avyigombeye; ariko nticokwemerwa kuba ishikanwa ryo gushitsa isezerano yasezeranye.


N’iyo coba kizanywe n’umunyamahanga, ntimuze mwemere ikimeze girtyo na kimwe, ngo mukinshikanire kw imfungurwa, jewe Imana yanyu; ntikizokwemerwa ko mushikanye, kuko gitosekaye, kikabakw agasembga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ