Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 19:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Ni mwanshikanira ikimazi c’ishimwe, muze mugishikane uburyo butuma mwemerwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 19:5
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Hezekiya ashinga imbu z’abaherezi n’Abalewi, nk’uko zari zisanzwe, nk’uk’ umuntu wese muri bo yar’ asanzwe akora, ar’ abo gutanga ibimazi vyoswa, ar’ abo gutanga ibimazi vy’ishimwe, ar’ abo guhēreza, ar’ abo gushima, ar’ abo guhimbaza, bahagaze ku birimba vy’urugo rw’Uhoraho.


Atuma imisore yo mu Bisirayeli ija gutanga ibimazi, iravyosa, no kubāgira Uhoraho amashuri y’imikangara kw ibimazi vy’ishimwe.


Kandi segaba, igihe azotanga ikimazi avyigombeye, ar’ ikimazi co kwoswa cank’ ar’ ibimazi vy’ishimwe, abitanze k’Uhoraho avyigombeye, haze hagire ūmujishurira ikirimba kirābana n’i burasirazuba, atange ikimazi ciwe co kwoswa n’ibimazi vyiwe vy’ishimwe, nk’ukw asanzwe abikora ku musi w’isabato, aheze agende; amaze kugenda hagire ūjisha ico kirimba.


Segaba az’ ashikeyo aciye mu rubaraza rw’ikirimba ruhera inyuma, maz’ ahagarare i ruhande y’ igikingi c’ikirimba; abaherezi baze bamutangire ikimazi ciwe co kwoswa n’ibimazi vyiwe vy’ishimwe, maz’ asengere mw ishikiro ry’ico kirimba, aheze aveyo; arikw ico kirimba ntikize kijishwe gushitsa ku mugoroba.


Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.


Ntimuze muhindukirire ibigirwamana, canke ngo mwironderere ibigirwamana mu bivugutiwe mu nkero: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Umusi mugitanzeko abe ari wo kirīrwako nyene, bo na bukeye bgaho; ariko ni hagira ikizoshitsa ku musi ugira gatatu, kize giturirwe.


az’ atange ishuri cank’ isuguru y’intama cank’ iy’ impene, kugira ngw abone kwemerwa.


Umuntu wese azotanga ikimazi c’ishimwe, akakimpa jewe Uhoraho ngw ashitse isezerano ryiwe, canke kikaba ico atanze avyigombeye, ar’ ico akūye mu busho canke mu mukuku, kize kibe ciza kugira ngo cemerwe: ntihaze hagire agasembga kibonekako.


Ishuri cank’ umwana w’intama, hagize igifise urugingo rutareha n’izindi, umuntu aremererwa kugitanga kw ishikanwa ashikanye avyigombeye; ariko nticokwemerwa kuba ishikanwa ryo gushitsa isezerano yasezeranye.


Kandi ni mwampa ikimazi co gukenguruka, mugitange uburyo butuma mwemerwa.


Arikw ico kimazi ashikanye, ni caba ico gushitsa isezerano, cank’ ico ashikanye kukw avyigombeye, kize kiribge ku musi agitanzeko; izizorāra kuri co zize ziribge bukeye bgaho.


Ariko ni haramuka hagize inyama z’ico kimazi ciwe c’ishimwe ziribga ku musi ugira gatatu, ntikizoba kicemerwa, uwagitanze ntikizoba kikimuharūrwako: kizoba kibaye ikizira, ūkiriyeko azogībgako n’ukugabitanya kwiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ