4 Ntimuze muhindukirire ibigirwamana, canke ngo mwironderere ibigirwamana mu bivugutiwe mu nkero: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
ngw Arik’ ukora ibibi kurenza abakubanjirije bose, ng’ Uragenda wironderera izindi mana z’ibishushanyo bivugutiwe mu nkero, ng’ Uramuratsa, umushiburira inyuma yawe;
Kukw ibigirwamana vy’amahanga vyose ar’ ubusa, Arik’ Uhoraho ni we yaremye amajuru.
ariko yagendera mu ngeso z’abami b’Abisirayeli, agakoresha ibishushanyo vya za Bayali bivugutiwe mu nkero.
Kukw ibigirwamana vyose vy’amahanga ar’ ubusa, Arik’ Uhoraho ni we yaremye amajuru.
Uti Ntimukarondere izindi mana ngo muzibangikanye na we: ntihakagire ivyitwa imana mucura, ari mw ifeza canke mw izahabu.
Arazābīra, azivugutira mu nkero, azikūramw’ igishushanyo c’imasa, agitunganishije isinzo; baravuga, bati Yemwe Bisirayeli, ngiyo imana yanyu, yabakūye mu gihugu ca Egiputa.
Ntimuze mwironderere ibigirwamana mubivugutiye mu nkero.
Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi.
Maze mu mwaka ugira gatanu abe ari ho mutangura kurya ku vyamye kuri vyo, kugira ngo birushirize kubāmira: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
Ni mwanshikanira ikimazi c’ishimwe, muze mugishikane uburyo butuma mwemerwa.
Ntimuze mwironderere ibigirwamana, canke ngo mushinge igishushanyo, ar’ ikibāzano, ar’ inkingi y’ibuye, kandi ntimuze mugire ikibuye mushira mu gihugu canyu gikorogoshoyekw ibishushanyo co kwunamira: kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.
Nuko ndabinginze, ni mwitegereze ivyabaye gushitsa uyu musi, gushitsa umusi wa mirongwibiri na kane w’ukwezi kw’icenda, mwitegereze n’ivyabaye uhereye umusi itanguriro ry’urusengero rw’ Uhoraho ryashirwaho.
Nuko, abo nkunda, ni muhunge gusenga ibigirwamana.
bat’ Azoba avumwe, umuntu abāza igishushanyo cank’ akakivugutira mu nkero, ar’ igikorwa c’umuhinga, akagishinga mu mpisho, kand’ ar’ ubuyobe k’ Uhoraho. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
kugira ngo mwoye kwihumanya, mukībāzira igishushanyo, mugishushanije n’ ishusho iy’ ari yo yose, ar’ igishushanijwe mu kigabo canke mu kigore,
Ibishushanyo bibājwe vy’ibigirwamana vyabo muze mubiturire; ntimuze mwifuze ifeza cank’ izahabu vyometse kuri vyo, ntimuze mubitware, vyoye kuzohava bibahindukira umutego, kukw ivyo ar’ ubuyobe k’Uhoraho Imana yanyu;
Bana bato, mwirinde ibigirwamana.