Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 19:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 19:3
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yosefu abakūra hagati y’ amavi ya se, arunama akubita inkoro hasi.


Wabamenyesheje isabato yawe yera, ubashirirah’ amabgirizwa n’ivyashinzwe n’ ivyagezwe, ubitumye umusavyi wawe Mose.


Rāba, jewe Uhoraho ko nabahaye isabato, ni co catumye mbaha ivyo kurya vy’imisi ibiri ku wa gatandatu. Umuntu wese n’agume ah’ ari, ntihagire umuntu ayegayega ku musi ugira indwi.


Wubahe so na nyoko, kugira ng’urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.


Ūkubise se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.


Ūvumye se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.


Mwana wanje, umva inyigisho ya so, Kandi ntute ibgirizwa rya nyoko:


Wumvire so yakuvyaye, Kandi ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi.


Har’ urunganwe rw’abantu batuka ba se, Ntibahezagire ba nyina.


Ijisho ry’ūcokora se, Kwumvira nyina akabikēngēra, Ibikōna vyo mu mwonga bizorinogora, Ibinyakabaka bizorirya.


Ni wakūra ikirenge cawe, ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, arik’ ukita isabato umusi w’umunezero, mber’ umusi wanje wera ukawita uw’ icubahiro, ukawubaha, ntukore ivyo ugomba ubgawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa,


Ikigeretseko, mbaha n’amasabato yanje, ngw abe ikimenyetso hagati yanje na bo, kugira ngo bamenye yukw ari jewe Uhoraho mbeza.


Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi.


Maze mu mwaka ugira gatanu abe ari ho mutangura kurya ku vyamye kuri vyo, kugira ngo birushirize kubāmira: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Muze mwitondere amasabato yanje, mwubahe Ahēra hanje: ni jewe Uhoraho.


Ntimuze muhindukirire abahamagara imizimu cank’ abamenyi: ntimuze muje kubabaza, bagahava babahumanya: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik’ ūgira indwi n’ isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako; n’isabato yanje Uhoraho, yo kwitonderwa mu ngo zanyu zose.


Muze mwitondere amasabato yanje, mwubahe Ahēra hanje: ni jewe Uhoraho.


Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūkēngēra se canke nyina. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Wubahe so na nyoko, nk’ uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze, kugira ng’ urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamererwe neza.


Kandi twari dufise ba data b’imibiri, bāradukāngīra, natwe tukabubaha: none ntituzorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho?


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ