Rāba, jewe Uhoraho ko nabahaye isabato, ni co catumye mbaha ivyo kurya vy’imisi ibiri ku wa gatandatu. Umuntu wese n’agume ah’ ari, ntihagire umuntu ayegayega ku musi ugira indwi.
Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik’ ūgira indwi n’ isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako; n’isabato yanje Uhoraho, yo kwitonderwa mu ngo zanyu zose.
Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?